Gateranya ntazopfa yinjiye mu Bwami bw'ijuru

Gateranya ntazopfa yinjiye mu Bwami bw'ijuru

Mu vyakiriwe na Hudhayfa (Imana Allah Imwishimire), yavuze ati: "Narigeze kwumva Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), avuga ati: "Gateranya ntazopfa yinjiye mu Bwami bw'ijuru"".

[صحيح] [متفق عليه]

الشرح

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aratwiganira ko umuntu arazwa ishinga no guteranya abantu, mu gukura ijambo kuri uyu arishira uriya mu ntumbero yo kubateranya, ategerezwa kuzohanishwa igihano c'ukutinjira mu Bwami bw'ijuru.

فوائد الحديث

Uguteranya abantu, ni icaha mu vyaha rutura.

Uguteranya abantu, birabujijwe kuko bituma haba ubwononyi n'ibangamira hagati y'abantu no mu kibano.

التصنيفات

Blameworthy Morals