Ininahaza n'itaziramana ryiza cane gusumba izindi, ni ijambo LAA ILAAHA ILLA LLAAH. Nayo igisabisho ciza cane gusumba ibindi, ni ijambo AL-HAMDU LILLAAH

Ininahaza n'itaziramana ryiza cane gusumba izindi, ni ijambo LAA ILAAHA ILLA LLAAH. Nayo igisabisho ciza cane gusumba ibindi, ni ijambo AL-HAMDU LILLAAH

Mu vyakiriwe na Jaabiri (Imana Allah Imwishimire), yavuze ati: "Narumvise Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ivuga iti: "Ininahaza n'itaziramana ryiza cane gusumba izindi, ni ijambo LAA ILAAHA ILLA LLAAH. Nayo igisabisho ciza cane gusumba ibindi, ni ijambo AL-HAMDU LILLAAH"".

الشرح

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aratwiganira ko ininahaza n'itaziramana ryiza cane gusumba ayandi, ari uko umuntu yovuga ati: "LAA ILAAHA ILLA LLAAH"; iryo jambo rikaba risigura ko ata gikwiye gusengwa vy'ukuri atari Imana Allah. Akatwiganira kandi ko igisabisho ciza cane gusumba ibindi ari uko umuntu yovuga ati: "AL-HAMDU LILLAAH"; iryo jambo rikaba ari iry'ukwemenga ko Umuhanyi w'inema zose ari Imana Allah Nyenukuninahazwa, Ikwiye gushimagizwa mu guhabwa amatazirano atunganye kandi meza.

فوائد الحديث

Guhimiriza abantu kurushirizaho kuninahaza no gutazira Imana Allah ku bwinshi hakoreshejwe ijambo ry'ukwemanga ko ari yo Mana Imwe Rudende, hamwe rero n'ukuyisaba mu kuyishimagiza.