إعدادات العرض
Nta n'umwe yemera bikwiye, atabanje gukundira mwenewabo mu bantu ko aronka nk'ivyo wenyene ubwiwe akunda ko yoronka
Nta n'umwe yemera bikwiye, atabanje gukundira mwenewabo mu bantu ko aronka nk'ivyo wenyene ubwiwe akunda ko yoronka
Mu vyakiriwe na Abu Hamza, Anasi mwene Maaliki (Imana Allah Imwishimire), akaba yahoze ari umukozi w'Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), maze avyakira ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aho avuga ko yavuze ati: "Nta n'umwe yemera bikwiye, atabanje gukundira mwenewabo mu bantu ko aronka nk'ivyo wenyene ubwiwe akunda ko yoronka".
الترجمة
العربية Español አማርኛ English اردو Indonesia বাংলা Français Türkçe Русский Bosanski සිංහල हिन्दी 中文 فارسی Tiếng Việt Tagalog Kurdî Hausa Português മലയാളം తెలుగు Kiswahili தமிழ் မြန်မာ ไทย Deutsch 日本語 پښتو অসমীয়া Shqip Svenska Nederlands ગુજરાતી Кыргызча नेपाली Lietuvių دری Српски тоҷикӣ Kinyarwanda Română Magyar Čeština Moore Malagasy Oromoo ಕನ್ನಡ Wolof Azərbaycan O‘zbek Українська ქართული Македонски ភាសាខ្មែរ ਪੰਜਾਬੀ मराठी Kurmancî Bahasa Melayu Yaoالشرح
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaratomoye ko ukwemera kw'umuntu mu bislamu kudashobora gutungana bishemeye atabanje gukundira mugenziwe ko aronka nk'ivyo wenyene ubwiwe akunda ko yoronka mu bikorwa vy'iyumviramana, canke ibindi vyiza umuntu akunda mu bijanye n'idini no mu bijanye n'ubuzima bw'inyuma yo gupfa n'ubwo kw'isi, agaheza akanka ko mugenziwe ashikirwa n'ikitanezereye nka kurya yanka wenyene ubwiwe ko vyomushikira. N'iyo abonye kuri mugenziwe agahaze mw'idini, aragerageza uko ashoboye kwose kugatosora; yabona kuri we iciza gihimbaye, agaheza akagishimangira akanakimufasha, maze akama na ntaryo yamuhanuye mu bijanye n'idini ryiwe no mu vyerekeye ubuzima bwiwe bwo kw'isi.فوائد الحديث
Umuntu gukundira mugenziwe ko aronka nka birya akunda wenyene ubwiwe ko yoronka, ni itegeko ritegerezwa kwubahirizwa, kuko ihakana ry'ukudatungana kw'ukwemera kw'uwudakundira mugenziwe kuronka nka birya akunda ko yoronka, vyerekana ko iryo ari ibwirizwa ritegerezwa kwubahirizwa.
Ubuvukanyi bwo guhurira ku Mana Allah, buri hejuru y'ubuvukanyi bw'abasangiye amaraso. Kuri ubwo rero, agateka kabwo gategetswe gusumba ak'ukubuvukanyi bw'amaraso.
Iziririzwa rya kirya cose giciye kubiri n'uru rukundo mu kurutosekaza, haba mu mvugo canke mu ngiro; nk'ugukoresha uruhendo (ubucacanya), ukwandagazanya, ugusharikana, hamwe rero n'urwanko umuntu agirira mugenziwe w'umwislamu, canke kwihereza amatungo yiwe, canke kutubahiriza icubahiro ciwe n'umuryango.
Ugukoresha amwe mu majambo atera ingoga mu kurangura ibikorwa; kuko muri iyi nyigisho y'intumwa hakoreshejwe ijambo "mugenziwe, mwenewabo".
Al-Kirmaaniy (nyakugirirwa impuhwe n'Imana Allah) yavuze ati: "Kandi biri mu bitsimbataza ukwemera, umuntu kwanka ko mugenziwe ashikirwa n'ikintu kibi, maze akavyanka nka kurya we nyene ubwiwe yanka ko comushikira. Ico nticatomowe mu nyigisho y'intumwa; kuko ugukunda ikintu bijana n'ukwanka igihushane caco, ni na co gituma yaretse kukidomako urutoke; kuko insiguro ikwiye kandi yumvikana".
