إعدادات العرض
Ukwinjira kwawe mu bwislamu, gutuma ivyiza wakoze imbere y'aho ubihemberwa
Ukwinjira kwawe mu bwislamu, gutuma ivyiza wakoze imbere y'aho ubihemberwa
Mu vyakiriwe na Hakiim mwene Hizaam (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Narigeze kuvuga nti: "Ewe Ntumwa y'Imana! Ubona gute ku vyerekeye ibikorwa vyiza nahora nkora nkiri mu kwemera ibintazi (ubujuju bwo kutamenya ubwislamu); nk'imperezwa, guha ubwigenge umugurano, hamwe rero no kwunga ubuvandimwe, noba nzobihemberwa n'Imana Allah?", Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca anyishura ambwira ati: "Ukwinjira kwawe mu bwislamu, gutuma ivyiza wakoze imbere y'aho ubihemberwa"".
الترجمة
العربية English မြန်မာ Svenska Čeština ગુજરાતી Yorùbá Nederlands اردو Español Bahasa Indonesia ئۇيغۇرچە বাংলা Bosanski සිංහල हिन्दी Tiếng Việt Hausa മലയാളം తెలుగు Kiswahili پښتو অসমীয়া Shqip دری Ελληνικά Български Fulfulde ಕನ್ನಡ Кыргызча Lietuvių or Română Kinyarwanda Српски тоҷикӣ O‘zbek नेपाली Moore Kurdî Wolof Soomaali Français Tagalog Azərbaycan Українська Bambara தமிழ் Deutsch ქართული Português Македонски Magyar فارسی Русский 中文 ភាសាខ្មែរ አማርኛ Malagasy Oromoo ไทย मराठी ਪੰਜਾਬੀ Türkçe Lingala Italiano Danskالشرح
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aratomora mu kwerekana ko iyo umugararizamana yinjiye mu bwislamu, aheza agahemberwa ivyiza yahora akora akiri mu kwemera ibintazi (ubujuju bwo kutamenya ubwislamu); nk'ibikorwa vyiza bijanye no gutanga imperezwa, guha ubwigenge umugurano canke kwunga ubuvandimwe.فوائد الحديث
Ivyiza bikorwa n'umugararizamana kw'isi, iyo apfuye akiri mw'igararizamana, nta mpera azobihemberwa mu buzima bw'inyuma yo gupfa.
