Iyo Imana Allah Igenye isango ry'ishirwa mu ngiro ry'urupfu rw'umuja ko rizomushikira ari ahantu hanaka, Iraheza Igatuma nya muja akenera ikintu gituma ajayo

Iyo Imana Allah Igenye isango ry'ishirwa mu ngiro ry'urupfu rw'umuja ko rizomushikira ari ahantu hanaka, Iraheza Igatuma nya muja akenera ikintu gituma ajayo

Mu vyakiriwe na Matwar mwene Ukaamisi (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti:. "Iyo Imana Allah Igenye isango ry'ishirwa mu ngiro ry'urupfu rw'umuja ko rizomushikira ari ahantu hanaka, Iraheza Igatuma nya muja akenera ikintu gituma ajayo".

[صحيح] [رواه الترمذي]

الشرح

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) arigana ko Imana Allah iyo Igenye ishirwa mu ngiro ry'ivyagezwe ku rupfu rw'umuja azopfira ahantu hanaka, maze nya muja akaba atari nya hantu, Iraheza Ikamugirira igituma akenera kuja nya hantu, maze yajayo agapfirayo.

فوائد الحديث

Iyi nyigisho y'intumwa, ishimangira neza na neza n'iryavuzwe n'Imana Allah, aho Ivuga Iti: {nta n’ikiremwa na kimwe gifise ubuzima kizi isango n’ahantu kizopfira} (Luqmaani: 34).