إعدادات العرض
Burya idini ry'ubwislamu rishingiye ku guhanurana (ritsimbatazwa mu guhanurana)
Burya idini ry'ubwislamu rishingiye ku guhanurana (ritsimbatazwa mu guhanurana)
Mu vyakiriwe na Tamiimu Al-Daariy (Imana Allah Imwishimire) ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yavuze ati: "Burya idini ry'ubwislamu rishingiye ku guhanurana (ritsimbatazwa mu guhanurana)", abari ng'aho muri twebwe, duca tuvuga tubaza duti: "Ugahanurana kuvugwa ng'aha, kwerekeye nde? gukorwa gute? ", araheza yishura ati: "Ni ukwubaha n'ukwubahiriza amabwirizwa y'Imana Allah, ukwemera n'ukwemanga ibiri mu Gitabu cayo, ukwumvira n'ugushira mu ngiro ivyigishijwe n'Intumwa yayo, ukwubaha n'ukwumvira indongozi z'abislamu mu bidaciye kubiri n'amabwirizwa y'Imana Allah, hamwe rero n'ukwibutsa abislamu muri rusangi; ko bubaha bakanagendera amabwirizwa y'Imana Allah".
الترجمة
العربية বাংলা Bosanski English Español فارسی Français Bahasa Indonesia Tagalog Türkçe اردو 中文 हिन्दी ئۇيغۇرچە Kurdî Hausa Português മലയാളം తెలుగు Kiswahili မြန်မာ Deutsch 日本語 پښتو Tiếng Việt অসমীয়া Shqip Svenska Čeština ગુજરાતી Yorùbá Nederlands සිංහල தமிழ் دری Fulfulde Magyar ಕನ್ನಡ Кыргызча Lietuvių or Română Kinyarwanda Српски тоҷикӣ O‘zbek Moore नेपाली Oromoo Wolof Soomaali Български Українська Azərbaycan Bambara ქართული Русский Македонски Ελληνικά Akan ភាសាខ្មែរ አማርኛ Malagasy Lingala ไทย मराठी ਪੰਜਾਬੀ Italiano msالشرح
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaratomoye ko idini ry'ubwislamu ryubakiye kw'izirikanamana (ku gutumbera Imana Allah) no ku kuvuga ukuri kugira rishirwe mu ngiro nk'uko ryabwirijwe n'Imana Allah, ata gahaze ata n'uruhendo bigiyemwo. Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) rero, yaciye abazwa ati: Ugahanurana kuvugwa ng'aha, kwerekeye ba nde? Gukorwa gute? Araheza yishura ko: Ubwa mbere: Ukwubaha n'ukwubahiriza amabwirizwa y'Imana Allah Nyenukuninahazwa na Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, bigirwa mu gutumbereza igikorwa kuri Yo no mu kwemera Imana Imwe Rudende Allah ata kuyibangikanya mu bubungabunzi bw'ibiremwa "TAWHIIDU L-RUBUUBIYA"; mu kwemera Imana Imwe Rurende Allah ata kuyibangikanya mu gusengwa "TAWHIIDU L-ULUUHIYYA"; mu kwemera Imana Imwe Rudende Allah ata kuyibangikanya mu mazina n'amatazirano yayo "TAWHIIDU L-AL-ASMAA-I WAL-SWIFAAT", ukwubaha n'ukwubahiriza amabwirizwa yayo, hamwe rero n'ukurarikira abantu kuyemera. Ubwa kabiri: Ukwemera n'ukwemanga ibiri mu Gitabu cayo, na co kikaba ari Qor'ani nyeranda, maze tukemanga ko ari amajambo yayo, n'uko ari Igitabu cayo casozereye ibindi Bitabu vyayo, n'uko cabisubiriye mu mabwirizwa yavyo, tukanacubaha tukacubahiriza, maze tukagisoma ukuri kw'ukugisoma, tugashira mu ngiro ingingo zayo zitunganye zitavuguruzwa (al-muhkam), tukemera n'ingingo zayo zizindanye (al-mutashaabih), tukanagikingira gusigurwa nabi n'abarajwe ishinga n'uguhengamika ingingo zayo, tukanyurwa n'inyigisho z'ibirimwo, tugasasagaza n'ubumenyi bwayo, tukanararikira abantu kugikurikira. Ubwa gatatu: Ukwumvira n'ugushira mu ngiro ivyigishijwe n'Intumwa yayo (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), tugaheza tukemanga ko ari yo Ntumwa yanyu yahetuye izindi, tukayemera mu vyo yashikirije, tukanagendera amabwirizwa yayo, tukirinda gukora ivyo yabujije, gutyo ntitwiyegeze ku Mana Allah kiretse mu kwisunga ivyo yigishije, tukwubaha tukwubahiriza n'agateka kayo, tukanasasagaza ubutumwa yazanye n'amabwirizwa y'idini yashikirije, tukanamirira kure ivyomekerwa kuri yo. Ubwa kane: Ukwubaha n'ukwumvira indongozi z'abislamu mu bidaciye kubiri n'amabwirizwa y'Imana Allah, mu zifasha kugendera ukuri, mu kutazirwanya ku ngingo zifashe mu gihe zidaciye kubiri n'idini, kuzumvira n'ukuzigamburukira mu bikorwa ngamburukiramana. Ubwa gatanu: Ukwibutsa abislamu muri rusangi, ko bubaha bakanagendera amabwirizwa y'Imana Allah, mu kubagirira ibikorwa vy'ubugwaneza no kubararikira kugora ivyiza, kubakingira kirya cose coza kibabangamira, kubipfuriza ineza, hamwe rero n'ugufadikanya na bo mu bikorwa vyiza n'ibikorwa vy'igamburukiramana.فوائد الحديث
Ibwirizwa ryo guhanurana, ryega abislamu bose.
Akamaro n'uruhara ruhamabaye rw'uguhanurana mw'idini.
Idini rihurikiyemwo vyose bijanye n'ukwemera, amajambo n'ibikorwa.
Biri mu guhanurana, kweza umushaha nturangwe n'uruhendo ku wo ushaka guhanura, mu ntumbero yo kumwipfuriza ivyiza.
Uburyo bwiza bwakoreshwa n'Intumwa (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Iaman Allah) mu kwigisha; ku buryo yabanza ikavuga ikintu mu ncamake hanyuma ikagisigura mw'ido n'ido.
Uguhera ku gihambaye cane kurusha igikurikira, hanyuma ugakurikiza igifise akamaro kabayabaye, ku buryo Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yahereye ku kwubaha n'ukwubahiriza amabwirizwa y'Imana Allah, hanyuma agakurikiza ukwemera n'ukwemanga ibiri mu Gitabu cayo, hanyuma ukwumvira n'ugushira mu ngiro ivyigishijwe n'Intumwa yayo (nyakugira mahoro n'impuhwe z'Imana Allah), hanyuma ukwubaha n'ukwumvira indongozi z'abislamu mu bidaciye kubiri n'amabwirizwa y'Imana Allah, hanyuma ukwibutsa abislamu muri rusangi, ko bubaha bakanagendera amabwirizwa y'Imana Allah.
