Mu vy'ukuri, Imana Allah Irakunda ko amabwirizwa yayo atanga agahengwe yubahirizwa, nka kurya Ikunda ko amategeko-bwirizwa yayo yubahirizwa

Mu vy'ukuri, Imana Allah Irakunda ko amabwirizwa yayo atanga agahengwe yubahirizwa, nka kurya Ikunda ko amategeko-bwirizwa yayo yubahirizwa

Mu vyakiriwe na Mwene Abasi (Imana Allah Ibishimire bompi) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Mu vy'ukuri, Imana Allah Irakunda ko amabwirizwa yayo atanga agahengwe yubahirizwa, nka kurya Ikunda ko amategeko-bwirizwa yayo yubahirizwa".

الشرح

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aravuga mu vy'ukuri ko Imana Allah Ikunda iyubahirizwa ry'amabwirizwa yayo atanga agahengwe, ivyo bikaba ari mu ntumbero yo kworohereza (abantu) iyubahirizwa ry'ingingo n'ishirwa mu ngiro ry'ibikorwa nyegerezamana Yatezuriyeko abegwa n'iyubahirizwa ryavyo; nko kugabanya ibitigiri vy'ivyunamo vy'isengesho (qaswru swalaat) hamwe no gusengera amasengesho abiri ingunga imwe (mu mwanya wa rimwe muri yo) [Jam'u swalaat] mu gihe umuntu ari ku rugendo. Ivyo rero, Ibikunda nka kurya Ikunda iyubahirizwa ry'amategeko-bwirizwa y'ibikorwa bitegetswe. Ivyo biri ukwo, kuko ibwirizwa ry'Imana Allah ritanga agahengwe n'itegeko-bwirizwa ari amwe (iyubahirizwa ryayo ni rimwe).

فوائد الحديث

Impuhwe z'Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Ifitiye abaja bayo, n'uko Imana Allah Nyenukuninahazwa Ikunda ko amabwirizwa yayo atanga agahengwe yubahirizwa.

Itungana ry'amabwirizwa y'ubwislamu, n'uko aremururira umwislamu ibimuremereye (mu mabwirizwa).