Hari ibintu bine, uwurangwa na vyo aba ari indyarya igaragara, uwuranzwe na kimwe muri vyo, aba aranzwe na kimwe mu bintu biranga indyarya gushika igihe avavanuye na co: iyo agize ngo araganiriye, arabesha; n'iyo agize ngo ariyemeje ikintu, arahemuka ntagishitsa; n'iyo agize ngo aratanze isezerano…

Hari ibintu bine, uwurangwa na vyo aba ari indyarya igaragara, uwuranzwe na kimwe muri vyo, aba aranzwe na kimwe mu bintu biranga indyarya gushika igihe avavanuye na co: iyo agize ngo araganiriye, arabesha; n'iyo agize ngo ariyemeje ikintu, arahemuka ntagishitsa; n'iyo agize ngo aratanze isezerano ntaryubahiriza; n'iyo hagize uwo batase, arerura mu kumucokora

Mu vyakiriwe na Abdullaahi mwene Amri (Imana Allah Ibishimire bompi) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira mahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Hari ibintu bine, uwurangwa na vyo aba ari indyarya igaragara, uwuranzwe na kimwe muri vyo, aba aranzwe na kimwe mu bintu biranga indyarya gushika igihe avavanuye na co: iyo agize ngo araganiriye, arabesha; n'iyo agize ngo ariyemeje ikintu, arahemuka ntagishitsa; n'iyo agize ngo aratanze isezerano ntaryubahiriza; n'iyo hagize uwo batase, arerura mu kumucokora".

[صحيح] [متفق عليه]

الشرح

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yarihanije ko umwislamu mu gihe yorangwa n'ibintu bine, aba asa n'indyarya zirangwa n'ivyo bintu bine, iyo ngingo rero yega urya mwislamu kenshi na kenshi arangwa n'ivyo bintu. Nayo urya mwislamu ashikirwa n'ivyo bintu gake kabaho, uyo ntiyegwa n'iyi ngingo. Ivyo bintu bine rero, ni ibi bikurikira: Ica mbere: Iyo agize ngo araganiriye, arabesha n'ibigira nkana, ntaheze ngo avugishe ukuri mu majambo yiwe. Ica kabiri: Iyo agize ngo ariyemeje ikintu, ntaheza ngo agishitse, aranahemukira mugenziwe. Ica gatatu: Iyo atanze isezerano (isango), ntaheza ngo aryubahirize, ararirengako. Ica kane: Iyo hagize uwo batase bakarwana, araheza akerura cane mu gutata, akanahonyanga ukuri, ntaheze ngo agutumbere, aranakoresha urwenge mu guca kubiri na nya kuri no mu kwigobotora, maze akavuga ibitaroranye n'ikinyoma. Mu vy'ukuri uburyarya, ni umuntu kugaragaza igihushane c'ivyo ahishije muri we. Iyi nyifato rero igira uwurangwa n'ivyo bintu bine, maze uburyarya bwiwe bukagaragarira mu vyo aganirije mugenziwe, mu vyo amusezeraniye, mu vyo amwizeyeko, mu vyo bapfuye mu gihe batase, no mu vyo yiyemeje akemerera abantu, si uko ari indyarya mu bwislamu bwiwe mu kuba abugaragaza mu gihe ahishije ubugarariji. Umuntu aranzwe na kimwe muri ivyo bintu bine rero, aba aranzwe na kimwe mu bintu biranga uburyarya gushika avavanure na co.

فوائد الحديث

Kwerekana bimwe mu bimenyetso biranga indyarya, mu ntumbero yo kugira abantu babitinye bongere biyubare kubikora.

Ico iyi nyigisho y'intumwa ishaka kuvuga, ni uko ibi bintu biranga uburyarya, n'uko uwubikoze aba asa n'indyarya zirangwa n'ivyo bintu, maze akigenza nkazo mu nyifato yazo, si ukuvuga ko aba ari indyarya mu kugaragaza ubwislamu agahisha ubugarariji. Hari n'iyindi nsiguro ivugwa yuko ukurangwa n'ivyo bintu bine, ari ukuba umuntu arangwa na vyo kenshi na kenshi, maze akabifata minenegwe mu kwibaza ko kubikora ata co bitwaye, ko ari ibisanzwe. Kuri ubwo rero, mu vy'ukuri uwigenjeje ukwo, mu kwemera kwiwe kenshi na kenshi haba harimwo agahaze.

Al-Ghazaaliy yavuze ati: "Umushinge w'idini, ugizwe n'ibintu bitatu: ijambo, igikorwa hamwe rero n'izirikanagikorwa, iyi nyigisho y'intumwa rero ikaba ikebura ko ijambo ryononwa n'ukubesha, igikorwa na co kikwononwa n'uguhemuka, izirikanagikorwa na ryo rikwononwa n'ukutubahiriza isezerano; kuko ukutubahiriza isezerano nta co kwonona kiretse mu gihe agatima ko kurenga kuri nya sezerano kaba kabangabanganwe na ryo, nayo mu gihe umuntu yoba yiyemeje kwubahiriza isezerano, hanyuma hakaduka igituma ataryubahiriza, canke akagira ikindi ciyumviro gituma arihindura, muri ico gihe ntaba aranzwe n'uburyarya".

Uburyarya, buri mu bwoko bubiri, hari uburyarya mu kwemera bukura nyanebwo mu kwemera, na bwo bukaba ari umuntu kugaragaza ubwislamu agahisha ubugarariji, hakaba rero n'uburyarya mu bikorwa, ni na bwo rero bushingiye ku kwigenza nk'indyarya mu nyifato yazo. Uburyarya nk'ubu, ntibukura nyenebwo mu kwemera, kiretse ko ari icaha mu vyaha rutura.

Ibnu Hajar yavuze ati: "Abamenyi bose barahurije ku ngingo yuko uwemera ku mutima wiwe, akavyatura n'ururimi rwiwe, maze bigashika akarangwa n'ibi bintu bine, atagirwa n'ingingo y'ubugarariji, eka ntaba ari n'indyarya izoja mu muriro ikamarayo ibihe bidashira".

Al-Nawawiy yavuze ati: "Hari umugwi w'abamenyi wavuze ko abarangwa n'ivyo bintu, ari indyarya zabayeho igihe c'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) zagaragaje ukwemera kwazo hanyuma zikabesha, zizewe kw'idini ryazo hanyuma zigahemuka, ziyemeje isezerano ryo kurwanira idini hanyuma zirarirengako, zatase hanyuma zirerura mu gutata kwazo".