إعدادات العرض
Mu vy'ukuri, Imana Allah Yarategetse kurangwa n'ubugwaneza ku kintu cose umuntu akoze
Mu vy'ukuri, Imana Allah Yarategetse kurangwa n'ubugwaneza ku kintu cose umuntu akoze
Mu vyakiriwe na Abu Ya'laa Shaddaadi mwene Awsi (Imana Allah Imwishimire), yavyumvise ku Ntumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) avuga ko yavuze iti: "Mu vy'ukuri, Imana Allah Yarategetse kurangwa n'ubugwaneza ku kintu cose umuntu akoze, iyo rero mwishe (mu kwihora uwishe) ba mwica mu bugwaneza; n'iyo mubaze igitungwa, ba mukibaga mu bugwaneza; kandi rero umwe wese muri mwebwe, nabe abanza gukarisha neza imbugita yiwe, hanyuma aheze aruhure n'ikibagwa ciwe".
الترجمة
العربية Español አማርኛ English اردو Indonesia বাংলা Français Türkçe Русский Bosanski සිංහල हिन्दी 中文 فارسی Tiếng Việt Tagalog Kurdî Hausa Português മലയാളം తెలుగు Kiswahili தமிழ் မြန်မာ ไทย Deutsch پښتو অসমীয়া Shqip Nederlands ગુજરાતી Кыргызча नेपाली Lietuvių دری Српски тоҷикӣ Kinyarwanda Română Magyar Čeština Moore Malagasy Oromoo ಕನ್ನಡ Wolof Azərbaycan O‘zbek Українська ქართული Македонски ភាសាខ្មែរ Bambara ਪੰਜਾਬੀ मराठी Kurmancî Bahasa Melayuالشرح
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aratomora ko mu vy'ukuri, Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Yadutegetse kurangwa n'ubugwaneza ku kintu cose dukoze. Ijambo "al-ihsaan", risigura kwama umuntu yitwararika Imana Allah igihe cose, mu bikorwa vy'ukuyiyegereza, mu gukora ivyiza, no mu kutageramira ibiremwa, ni muri iyo nsiguro rero, umuntu akwiye kurangwa n'ubugwaneza igihe c'ukwica ikiremwa n'igihe c'ukubaga ibitungwa. Ukurangwa n'ubugwaneza rero mu kwica uwishe "qiswaasw", ni ugukoresha uburyo n'inzira yoroshe kandi yihutisha ugucikana kw'umuntu atabanje kuruha. Nayo ukurangwa n'ubugwaneza mu kubaga igitungwa, ni ukugirira impuhwe igitungwa maze umuntu akabanza gukarisha imbugita, ntaheze ngo akarihirize nya mbugita imbere ya nya gitungwa kimuraba, ntanaheze ngo akibagire imbere y'ibindi bitungwa bikiraba.فوائد الحديث
Igaragazwa ry'impuhwe n'ikigongwe Imana Allah Ifitiye ibiremwa.
Irangwa n'ubugwaneza mu kwica no mu kabaga, mu gukoresha uburyo bwashinzwe n'amategeko y'ikislamu.
Amategeko y'ubwislamu aratunganye kandi nta na kimwe yasize inyuma mu vyiza vyose, muri ivyo, akaba ari ukugirira ibikoko impuhwe n'ikigongwe.
Kubuza ko uwishwe, yocunagurwa agahohoterwa inyuma yo kumwica.
Iziririza ry'ikoreshwa ry'ikintu ico ari co cose cotuma igikoko gicunagurwa kikababazwa.
