Uwonyemerera mu kwishinga ko acungera akanwa kiwe (mu kutagakoresha mu bizira), agacungera n'ibihimba vyiwe vy'irondoka (mu kudasambana), nokwemera kumwishingira ko azoja mu Bwami bw'ijuru

Uwonyemerera mu kwishinga ko acungera akanwa kiwe (mu kutagakoresha mu bizira), agacungera n'ibihimba vyiwe vy'irondoka (mu kudasambana), nokwemera kumwishingira ko azoja mu Bwami bw'ijuru

Mu vyakiriwe na Sahli mwene Sa'di (Imana Allah Imwishimire) ku Ntumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yavuze iti: "Uwonyemerera mu kwishinga ko acungera akanwa kiwe (mu kutagakoresha mu bizira), agacungera n'ibihimba vyiwe vy'irondoka (mu kudasambana), nokwemera kumwishingira ko azoja mu Bwami bw'ijuru".

الشرح

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), arerekana ko hari ibintu bibiri iyo umwislamu iyo avyubahirije, mu vy'ukuri azoja mu Bwami bw'ijuru: Ica mbere: Ni ugucungera akarimi mu kutavuga ibishavuza Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere; Ica kabiri: Ni ugucungera ibihimba vy'irondoka mu kudakora ivyaha vy'agahomera bunwa; nko gusambana n'ibindi. Ivyo biri ukwo, kuko ibi bihimba bibiri ari vyo kenshi na kenshi bita abantu mu vyaha no mu bicumuro.

فوائد الحديث

Gucungera akarimi hamwe n'ibihimba vy'irondoka, ni yo nzira iganisha abantu mu Bwami bw'ijuru.

Hadomwe urutoke ku karimi no ku bihimba vy'irondoka, kuko ari vyo nkomoko ihambaye y'igeragezwa ku muntu mu buzima bwo kw'isi no mu bw'inyuma yo gupfa.