Uwo wese apfunze ukwezi kwa Ramadhani; yemera Imana Allah, yemera n'uko ari ibwirizwa ryayo ashize mu ngiro; arondera indishi kuri Yo, aheza akababarirwa ivyaha vyiwe yakoze

Uwo wese apfunze ukwezi kwa Ramadhani; yemera Imana Allah, yemera n'uko ari ibwirizwa ryayo ashize mu ngiro; arondera indishi kuri Yo, aheza akababarirwa ivyaha vyiwe yakoze

Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Uwo wese apfunze ukwezi kwa Ramadhani; yemera Imana Allah, yemera n'uko ari ibwirizwa ryayo ashize mu ngiro; arondera indishi kuri Yo, aheza akababarirwa ivyaha vyiwe yakoze".

[صحيح] [متفق عليه]

الشرح

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aratwiganira ko uwo wese apfunze ukwezi kwa Ramadhani; yemera Imana Allah, yemanga n'uko ashize mu ngiro ibwirizwa ryayo; arondera kuronka impera n'indishi Imana Allah Yageneye abipfunga, maze agapfunga ku bw'Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, atari ku bwo kwiyerekana canke ku bwo kuyagwa neza n'abantu, aheza akababarirwa ivyaha vyiwe yamaze gukora.

فوائد الحديث

Ivyiza n'akamaro k'izirikanamana mu kwakirirwa ipfunga ry'ukwezi kwa Ramadhani hamwe n'ibindi bikorwa vyiza bitegetswe umuntu yakoze.

التصنيفات

Virtue of Fasting