إعدادات العرض
Ururimi rwawe ntiruzohengeshanye kuguma rubomvye mu kuninahaza no gutazira Imana Allah
Ururimi rwawe ntiruzohengeshanye kuguma rubomvye mu kuninahaza no gutazira Imana Allah
Mu vyakiriwe na Abdullahi mwene Busri (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko hari umugabo umwe yigeze kubaza Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ati: "Ewe Ntumwa y'Imana! Mu vy'ukuri amabwirizwa y'ubwislamu, ni ukuri yambanye menshi, enda rero mbwira ikintu kimwe gusa nofata nkama, mpeze ndagitsimbatareko". Yamwishuye iti: "Ururimi rwawe ntiruzohengeshanye kuguma rubomvye mu kuninahaza no gutazira Imana Allah".
الترجمة
العربية বাংলা Bosanski English Español Français Indonesia Русский Tagalog Türkçe اردو 中文 हिन्दी Hausa Kurdî Português සිංහල Nederlands অসমীয়া Tiếng Việt Kiswahili ગુજરાતી پښتو Română മലയാളം नेपाली Deutsch Кыргызча ქართული Moore فارسی Magyar తెలుగు Svenska Македонски ಕನ್ನಡ Українська Kinyarwanda Oromoo ไทย Српски मराठी ਪੰਜਾਬੀ دری አማርኛ Malagasy ភាសាខ្មែរ Lietuvių O‘zbek தமிழ் Azərbaycan Wolof Čeština Shqip тоҷикӣ ms kmrالشرح
Hari umugabo umwe yashikirije Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) impungenge afise ku bwinshi z'ibikorwa nyegerezamana vy'inyongera, ku buryo adashoboye kuvyubahiriza vyose, maze aca abaza Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ko yomwereka ibikorwa bike bishoboka ariko birimwo indishi nyinshi, gutyo aheze abifate nkama, abitsimbatareko. Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaciye amwereka ko ururimi rwiwe rutohengeshanya kwama rubomvye ku kwama rutazira runinahaza Imana Allah Nyenukuninahazwa, Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, maze ivyo bigakorwa ku mwanya n'aho ari ho hose; nko kuyininahaza mu kuvuga ati: "SUB-HAANA LLAAH", "AL-HAMDU LILLAAH", "ASTAGH-FIRU LLAAH", hamwe rero no kuyisaba, n'ibindi nk'ivyo.فوائد الحديث
Ivyiza vyo kwamizako itazira n'inihazamana.
Biri mu ngabirano z'Imana Allah ku biremwa, kworoherezwa imvo zo kuronka indishi.
Ubusumbasumbane buri hagati y'abaja b'Imana Allah, ufatiye ku mugabane w'umwe wese mu miryango y'ibikorwa vyiza bihimbaye.
Kugira kenshi itazira n'ininahazamana hakoreshejwe ururimi; nko kuninahaza Imana Allah mu kuvuga ati: "SUB-HAANA LLAAH", "AL-HAMDU LILLAAH", "LAA ILAAHA ILLA LLAAH", "ALLAAHU AKBAR", hamwe n'ibindi bitari ivyo bibangabanganwa n'ukuba umushaha uri hamwe mu nda igihe c'ininahaza n'itaziramana, ivyo bikaba bishikana umuntu ku ndishi mu kibanza c'ibikorwa nyegerezamana vy'inyongera adashoboye gukora.
Umwitwarariko w'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) mu kwishura abamubajije, maze umwe wese akamuha inyishu imukwiye kandi ibereye.
التصنيفات
Merits of Remembering Allah