Mu vy'ukuri mu bagabo Imana Allah Yanka cane, ni inshirwarimenetse y'intahanurwa mu matati

Mu vy'ukuri mu bagabo Imana Allah Yanka cane, ni inshirwarimenetse y'intahanurwa mu matati

Mu vyakiriwe na Aisha (Imana Allah Imwishimire) ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ati: "Mu vy'ukuri mu bagabo Imana Allah Yanka cane, ni inshirwarimenetse y'intahanurwa mu matati".

[صحيح] [متفق عليه]

الشرح

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aratwiganira ko Imana Allah Nyenimigisha na Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, Yanka cane mu bantu, inshirwarimenetse y'intahanurwa mu matati, ikunda cane gutata, itigera yemera gushira aho ukuri gushize, maze ikaguma iharira mu kwiyamiriza ukuri, canke igatata mu kuri ariko ikimonogoza mu kurenza urugero rw'ivyo isaba, ikanaharira n'ivyo idafitiye ubumenyi.

فوائد الحديث

Ntibiri mu gutata kunebagurwa, umuntu gusaba uwamurenganije ko yomusubiza utwiwe biciye mu nzira y'ukwitwara mu butungane.

Impari n'ugutata, biri mu vyago biterwa n'ururimi, biheza bikabiba amacakubiri no kugenza umugongo hagati y'abislamu.

Impari zishimwa iyo zibaye mu ntumbero yo gushigikira ukuri, zikagirwa no mu buryo bwiza; zikanebagurwa iyo zibaye mu ntumbero yo kwiyamiriza ukuri no gushigikira ikinyoma, canke iyo zibaye mu kuterekana ivyemezo zishingiyeko.

التصنيفات

Virtues and Manners, Blameworthy Morals