Ibikorwa umuntu akora biri mu mice itandatu, n'abantu nyene bari mu mice ine. Mu bikorwa, harimwo ibitegerezwa-ntahara bibiri; ingere ku yindi; iciza gihemberwa ivyiza cumi; hamwe ero n'iciza gihemberwa ivyiza amajana indwi

Ibikorwa umuntu akora biri mu mice itandatu, n'abantu nyene bari mu mice ine. Mu bikorwa, harimwo ibitegerezwa-ntahara bibiri; ingere ku yindi; iciza gihemberwa ivyiza cumi; hamwe ero n'iciza gihemberwa ivyiza amajana indwi

Mu vyakiriwe na Khuraim mwene Faatiki (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Ibikorwa umuntu akora biri mu mice itandatu, n'abantu nyene bari mu mice ine. Mu bikorwa, harimwo ibitegerezwa-ntahara bibiri; ingere ku yindi; iciza gihemberwa ivyiza cumi; hamwe ero n'iciza gihemberwa ivyiza amajana indwi. Nayo ibitegerezwa-ntahara bibiri, ni kuri urya muntu yapfuye atabangikanya Imana Allah n'ikintu na kimwe, uyo ategerezwa kuzokwinjira mu Bwami bw'ijuru; n'urya muntu yapfuye abangikanya Imana Allah n'ikindi kintu ategerezwa kuzokwinjira mu muriro. Nayo ingere ku yindi, ni kuri urya muntu azirikana gukora iciza, akanaciyumvamwo mu mutima wiwe, maze Imana Allah Ikamenya ko yakizirikanye koko, aheza akandikirwa nya ciza akanagihemberwa impera ikwiye y'iciza kimwe, n'uwakoze ikibi nyene araheza akacandikirwa ari icaha kimwe, uwukoze iciza kimwe na we araheza akagihemberwa ivyiza cumi; uwutanze mu nzira y'Imana Allah, araheza agahemberwa iciza kimwe impera y'ivyiza amajana indwi. Nayo mu mice ine y'abantu, hakaba harimwo uwahawe vyinshi agahimbarwa mu buzima bwo kw'isi, ata co azohabwa gifadika mu buzima bw'inyuma yo gupfa; uwutahawe ikintu gifadika ngo ahimbarwe mu buzima bwo kw'isi, azohabwa vyinshi agahimbarwa mu buzima bw'inyuma yo gupfa; uwutahawe ikintu gifadika ngo ahimbarwe mu buzima bwo kw'isi no mu buzima bw'inyuma yo gupfa; hamwe rero n'uwahawe vyinshi agahimbarwa mu buzima bwo kw'isi no mu bw'inyuma yo gupfa".

الشرح

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaravuze ko ibikorwa umuntu akora (ufatiye ku rugero rw'impera bifise) biri mu mice itandatu, n'uko n'abantu nyene (ufatiye ku kuntu borohewe canke bakenye) bari mu mice ine. Imice itandatu y'ibikorwa rero, ni iyi ikurikira: Uwa mbere: Ni urya muntu yapfuye atabangikanya Imana Allah n'ikintu na kimwe ategrezwa kuzokwinjira mu Bwami bw'ijuru. Uwa kabiri: Ni urya muntu yapfuye abangikanya Imana Allah n'ikindi kintu ategerezwa kuzokwinjira mu muriro akawubamwo ibihe bidashira. Ibi bintu bibiri rero, ni vyo bitegerezwa-ntahara. Uwa gatatu: Iciza cazirikanwe n'aho umuntu atoheza ngo agikore. Umuntu uwo ari we wese rero azirikanye gukora iciza bivuye ku mutima vy'ukuri; ku buryo nya ciza aciyumvamwo maze Imana Allah Ikamenya uwo muzirikanyi agifiseko, hanyuma bigashika ntagishire mu ngiro ku mvo zitamuvuyeko, araheza akandikirwa impera ya nya ciza yuzuye nk'aho yoba yagikoze. Uwa kane: Ikibi cakozwe. Umuntu uwo ari we wese rero akoze ikibi araheza akacandikirwako icaha kimwe gusa. Iciza cazirikanwe hamwe n'ikibi cakozwe rero, ni ingere ku yindi ntigiheza ngo kigwizwe muri vyo. Uwa gatanu: Ni iciza impera yaco igwizwa incuro cumi, ico ciza rero kikaba ari kirya umuntu azirikanye agaheza akagishira mu ngiro; acandikirwa kigwijwe incuro cumi. Uwa gatandatu: Ni iciza impera yaco igwizwa incuro amajana indwi, ico rero kikaba ari kirya kintu umuntu atanze rimwe mu nzira yo guharanira idini ry'Imana Allah, aheza akacandikirwa kigwijwe incuro amajana indwi, ivyo bikerekena impano n'ubugwaneza vy'Imana Allah Nyenimigisha nta ngere, Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, ku baja bayo. Nayo imice ine y'abantu, ikaba ari iyi ikurikira: Umuce wa mbere: Ni urya muntu yahawe ibimubeshaho vyinshi agahimbarwa mu buzima bwo kw'isi, abayeho yorohewe, aronka ico akeneye cose, ariko akaba ata kintu na kimwe gifadika yahawe mu buzima bw'inyuma yo gupfa, amaherezo yiwe akazoba ari mu muriro udahera, uyo rero ni umugarariji w'umutunzi. Umuce wa babiri: Ni urya muntu atahawe ikintu gifadika mu bimubeshaho ngo ahimbarwe mu buzima bwo kw'isi, ariko akazohabwa vyinshi bimuhimbaye mu buzima bw'inyuma yo gupfa, maze amaherezo yiwe akazoba ari mu Bwami bw'ijuru, uyo rero ni umwemeramana w'umukene. Umuce wa gatatu: Ni urya muntu atahawe ikintu gifadika maze akabaho mu magorwa mu buzima bwo kw'isi no mu bw'inyuma yo gupfa, uyo rero akaba ari umugarariji w'umukene. Umeca wa kane: Ni urya muntu yahawe ibimubeshaho vyinshi bimuhimbaye mu buzima bwo kw'isi no mu bw'inyuma yo gupfa, uyo rero ni umwemeramana w'umutunzi.

فوائد الحديث

Impano ihambaye no kugwirizwa ivyiza, Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Iha abaja bayo.

Ubutungane n'ubugwaneza bw'Imana Allah kuri twebwe ibiremwa; kuko ku butungane bwayo ikibi kimwe Yakiduhaniye icaha kimwe nyene.

Ububi buhambaye bw'ibangikanayamana; kuko rituma umuntu adahabwa Ubwami bw'ijuru.

Kwerekana ivyiza vyo gutanga mu guharanira inzira y'Imana Allah.

Kugwirizwa impera yo gutanga mu guharanira inzira y'Imana Allah, aho impera igwizwa incuro amajana indwi; gutyo bifasha gutsimbataza ijambo ry'Imana Allah rikama riri hejuru.

Kwerekana imice itandukanye y'abantu.

Mu buzima bwo kw'isi, umwemeramana ahabwa vyinshi bimuhimbaye co kimwe n'uwutari umwemeramana, mu gihe mu buzima bw'inyuma yo gupfa atawuzohabwa vyinshi bimuhimbaye kiretse gusa umwemeramana.