إعدادات العرض
Nimutsimbatare kw'igamburukiramana, ukwumva n'ukwumvira indongozi, n'aho indongozi ibarongoye yoba ari umuja w'umwirabure aturuka muri Egiputa; burya mu nyuma zanje muzobona ukudahuza mu guhazana kenshi mu vyiyumviro, nivyabashikira rero muraheza muce mwisunga inyigisho n'imigenzo yanje, hamwe rero…
Nimutsimbatare kw'igamburukiramana, ukwumva n'ukwumvira indongozi, n'aho indongozi ibarongoye yoba ari umuja w'umwirabure aturuka muri Egiputa; burya mu nyuma zanje muzobona ukudahuza mu guhazana kenshi mu vyiyumviro, nivyabashikira rero muraheza muce mwisunga inyigisho n'imigenzo yanje, hamwe rero n'imigenzo y'ingendanyi zanje z'abagororotsi zigendera ukuri
Mu vyakiriwe na Al'Irbaadwi mwene Saariya (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Umusi umwe Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yarahagurutse iraheza idushikiriza inyigisho (iduha impanuro) nkoramutima zadushitse ku nyota, maze imitima iroroha iratinya, amosozi na yo arakoroka mu maso, duca twumva uwuvuze ati: "Ewe Ntumwa y'Imana! Waduhaye impanuro nkoramutima nk'iz'umuntu ariko araraga, enda rero duhe isezerano tuzoheza tukisunga utakiriho". Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ica ivuga iti: "Nimutsimbatare kw'igamburukiramana, ukwumva n'ukwumvira indongozi, n'aho indongozi ibarongoye yoba ari umuja w'umwirabure aturuka muri Egiputa; burya mu nyuma zanje muzobona ukudahuza mu guhazana kenshi mu vyiyumviro, nivyabashikira rero muraheza muce mwisunga inyigisho n'imigenzo yanje, hamwe rero n'imigenzo y'ingendanyi zanje z'abagororotsi zigendera ukuri. Izo nyigisho n'imigenzo rero ndababwiye, murazigumya n'ibijigo mutarekura mu kuzigendera, muheze kandi mwirinde ibintu vy'ivyadukano; kuko icadukano ico ari co cose, ni ubuhuvyi"".
الترجمة
العربية English မြန်မာ Svenska Čeština ગુજરાતી Yorùbá اردو Bahasa Indonesia ئۇيغۇرچە සිංහල हिन्दी Tiếng Việt Hausa Kiswahili پښتو অসমীয়া دری Кыргызча or नेपाली Română Kinyarwanda বাংলা తెలుగు Bosanski Kurdî Lietuvių മലയാളം Nederlands Soomaali Shqip Српски Deutsch Українська ಕನ್ನಡ Wolof Moore Português ქართული Azərbaycan 中文 Magyar فارسی Tagalog தமிழ் Македонски Русский አማርኛ Malagasy Oromoo ไทย मराठी ਪੰਜਾਬੀ Türkçe O‘zbek ភាសាខ្មែរ Français Español ms тоҷикӣالشرح
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yarahaye ingendanyi ziwe impanuro nkoramutima zishika ku nyota, ku buryo imitima yoroshe igatinya ibihano, bituma amaso akorora amosozi bitewe n'ikigumbagumba, ingendanyi zari aho zica zivuga ziti: Ewe Ntumwa y'Imana! Izi mpanuro nkoramutima womenga ni impanuro z'uwuriko araraga. Aho ingendanyi zari zifatiye ku m'umwitwarariko Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yari afrse mu kugutanga nya nyigisho, ziraheza zica zimusaba ko azisigira iragi zizofata nkama mu kurigendera mu nyuma y'aho (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) atakiriho, aca avuga azihanura ati: Ndabasigiye iragi ry'uko mugamburukira Imana Allah mu gukora ivyo Yabategetse no kureka ivyo Yababujije, ukwumva n'ukwumvira indongozi, n'aho vyoshika mukaba murongowe canke mugatwawe n'umuja, bisigura gutwarwa n'umuntu nyarucari, ico gihe rero ntimuzohirahire ngo mumugaye, ahubwo muramwumvira ku kwanka ko hoca hiyadukiza igeragezwa ry'ugucanamwo, mu vy'ukuri uwuzoramba muri mwebwe azobona ukudahuza mu guhazana kenshi mu vyiyumviro, mu nyma rero Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yahavuye yereka ingendanyi inzira izokura abantu mu kudahuza mu guhazana mu vyiyumviro, ko ari ugufata nkama n'ukugendera inyigisho n'imigenzo vyayo, hamwe rero n'ugufata nkama imigenzo y'ingendanyi z'abagororotsi zigendera ukuri, mu nyuma y'aho azoba atakiriho. Izo ngendanyi ni Abu Bakari w'imvugakuri, Omari mwene Al-Khattwaabi, Othmani mwene Affaani, hamwe rero na Ali mwene Abu Twaalibi (Imana Allah Izishimire zose). Ukugumya n'ibijigo nyigisho n'imigenzo bivugwa ng'aha, bisigura kugumya izo nigisho n'imigenzo ata guhesha mu kuzigendera. Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaranihanije ingendanyi ziwe ko zokwirinda ibintu vy'ivyadukano mw'idini, kuko mu vy'ukuri icadukano iyo kizanana hose, ni ubuhuvyi.فوائد الحديث
Akamaro ko kugumya mu gutsimbatara no gukurika inyigisho n'imigenzi vy'intumwa.
Kwitwararika gutanga impanuro zituma imitima yoroha igatinya.
Kubwiriza abantu gukurikira imigenzo y'ingendanyi zine z'abagororotsi zigendera ukuri, zarongoye ubwislamu mu nyuma, na co zikaba ari: Abu Bakari w'imvugakuri, Omari mwene Al-Khattwaabi, Othmani mwene Affaani, hamwe rero na Ali mwene Abu Twaalibi (Imana Allah Izishimire zose).
Ibuzwa ryo gukurikira ivyadukano mw'idini, n'uko icadukano ico ari co cose, ari ubuhuvyi.
Kwumva n'ukwumvira uwujejwe gutunganiriza abemeramana mu bitari ivyaha n'ibicumuro.
Akamaro k'igamburukiramana mu bihe vyose n'aho ari ho hose.
Abanu kudahuza mu guhazana mu vyiyumviro, birashobora gushika hagati y'abarungikiwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Iamana Allah), ariko rero igihe bishitwe, abantu bategerezwa kugaruka bakisunga inyigisho n'imigenzo vy'intumwa hamwe n'imigenzo y'ingendanyi z'abagororotsi zigendera ukuri.
