Uraba kw'isi nk'aho woba uri umushitsi canke ingenzi iri ku rugendo

Uraba kw'isi nk'aho woba uri umushitsi canke ingenzi iri ku rugendo

Mu vyakiriwe na Abdullahi mwene Omari (Imana Allah Ibishimire bompi) yavuze ati: "Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yafashe ku bitugu vyanje ica imbwira iti: "Uraba kw'isi nk'aho woba uri umushitsi canke ingenzi iri ku rugendo"". Mwene Omari rero yahora avuga ati: "Niwabona wiriwe, ntukarindirize igikorwa gushika mu gitondo; niwabona wiriwe naho, ntukarindirize igikorwa gushika ku mugoroba; uraheza rero ukore mu gihe ufise amagara meza ibizogufasha niwakikwa n'amagara ukaremba; uheze ukore no mu buzima bwawe, ibizogufasha niwamara gupfa".

[صحيح] [رواه البخاري]

الشرح

Mwene Omari (Imana Allah Ibishimire bompi) yavuze ko Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yamufashe ku bitugu aca amubwira ati: Uraba kw'isi nk'aho woba uri umushitsi aje mu gihugu ata muhana agifisemwo akikamwo umusaya, ata muteramyi afise amuremesha, ata n'umuryango canke imigenderanire mu kibano ahafise, bituma ataronke umwanya wo kwitwararika ibikorwa vy'Imana Rurema Allah, ahubwo mbere urarenza aho, uheze ube nk'ingenzi iri ku rugendo mu nzira imushikana ku gatumba mu gihugu ciwe; kuko burya umushitsi hari igihe bishika agahitamwo kuba mu kindi gihugu, bitandukanye n'ingenzi iri ku rugendo rumuganisha mu gihugu ciwe, uyu araheza akitwararika kutiremereza no kudahagarara ahadakenewe arajwe ishinga n'ugushika mu gihugu ciwe. Kurya rero uwuri ku rugendo adakenera kwitwaza ibimuremera birengeye impamba n'induhuro bimushikana iyo aroye, ni nk'uko nyene n'umwemeramana abigenza mu buzima bwo kw'isi, ntakenera vyinshi birenze ku vyo mushikana iyo aroye (mu buzima bw'inyuma yo gupfa). Iyi mpanuro rero, Mwene Omari yarayigendeye aho yahora avuga ati: Niwaramuka ugeze mu gitondo, ntukarindirize ico ushaka gukora gushika ku mugoroba, niwirirwa naho ukabona ugeze ku mugoroba, ntukarindirize ico ushaka gukora gushika mu gitondo, maze rero wiharure mu bapfuye bari mu mva; kuko mu buzima uwutagize amagara meza ntabura kurwara; mu gihe ugifise amagara meza rero, ba uhurumbira ibikorwa vy'iyumviramana bizogufasha igihe wakitswe n'amagara ukarwara, maze ukoreshe umwanya wawe mu gukora ibikorwa vyiza bitegetswe imbere yuko indwara iguciramwo, ukoreshe n'ubuzima bwawe bwo kw'isi mu kugwiza umwimbu w'ibizogufasha mu nyuma y'urupfu rwawe.

فوائد الحديث

Ugushira kw'umwigisha ikiganza ciwe ku bitugu vy'umwigishwa igihe ariko aramwigishwa, biramuremesha bikamutuma yitwararika inyigisho gusumba.

Ugutangurira ku mpanuro ku wutabigusavye.

Ukwigisha neza kwaranze Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) mu gutanga uburorero bugondoza umwigishwa; nko kuvuga ati: "Uraba kw'isi nk'aho woba uri umushitsi canke ingenzi iri ku rugendo".

Itandukana ry'abantu mu rugendo rwabo rwo kw'isi bagagana mu buzima bw'inyuma yo gupfa; kuko burya kubaho nk'ingenzi iri ku rugendo, ni ikintu kiri ku rugero rwo hejuru cane mu kwirengagiza ivy'isi, rusumba urugezo rwo kuvyirengagiza nk'aho umuntu yoba ari umushitsi.

Ukwerekana ko umuntu akwiye kugira umwizigiro muke mu vy'isi ujana n'ukwitegurira urupfu.

Iyi nyigisho y'intumwa, si icemezo c'uko umuntu areka kurondera ibimubeshaho no kureka kuryoherwa n'ivy'isi; ariko, ni icemezo c'uguhimiriza abantu ukwirengagiza ivy'isi, no kwiremururira kuri vyo.

Ukwihutira gukora ivyiza bitegetswe imbere yuko umuntu aba atagishoboye kubikora (ku mvo z'ugukikwa n'amagara canke ubusaza), gutyo indwara canke urupfu bikamukubiranya ata co arimarira.

Icubahiro ca Abdulaahi mwene Omari (Imana Allah Ibishimire bompi), aho dusanga yaranyuzwe n'iyi nyigisho yahawe n'Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah).

Agatumba n'igihugu vy'umwemeramana ni Ubwami bw'ijuru; gutyo akaba kw'isi nk'aho yoba ari umushitsi buca kabiri akigira, canke ingenzi iri ku rugendo rumuganisha mu buzima bw'inyuma yo gupfa, ntaheza rero ngo agumize agatima ku kintu na kimwe mu biri mu gihugu kitari iciwe, ahubwo nyabuna agumiza agatima ku gatumba no ku gihugu vyiwe azogarukamwo, gutyo agacumbika kw'isi kugira arondere utwo akeneye n'impamba bimushikana ku gatumba no mu gihugu vyiwe.

التصنيفات

Purification of Souls