إعدادات العرض
Emwe baja banje! Mu vy'ukuri, Jewe Naraziririje ko hagira uwo Ndenganya ubwanje, Ndaheza Nziririza akarenganyo no hagati yanyu, kubera ivyo rero, ntimukarenganyane hagati yanyu
Emwe baja banje! Mu vy'ukuri, Jewe Naraziririje ko hagira uwo Ndenganya ubwanje, Ndaheza Nziririza akarenganyo no hagati yanyu, kubera ivyo rero, ntimukarenganyane hagati yanyu
Mu vyakiriwe na Abu Dharri (Imana Allah Imwishimire) ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) mu vyo yakiriye ku Mana Allah Nyenimihezagiro, Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, ko Yavuze Iti: "Emwe baja banje! Mu vy'ukuri, Jewe Naraziririje ko hagira uwo Ndenganya ubwanje, Ndaheza Nziririza akarenganyo no hagati yanyu, kubera ivyo rero, ntimukarenganyane hagati yanyu. Emwe baja banje! Burya umwe wese muri mwebwe, ni umuhuvyi kiretse uwo Narongoye mu nzira igororotse, enda rero nyabuna nimunsabe kurongoka Mpeze Ndabarongore mu nzira igororotse. Emwe baja banje! Burya umwe wese muri mwebwe arashonje kiretse uwo Mfunguriye, enda rero nyabuna nimunsabe kuronswa imfungurwa Mpeze Ndabafungurire. Emwe baja banje! Burya umwe wese muri mwebwe yambaye ubusa kiretse uwo Nambitse agashambara, enda rero nyabuna nimunsabe kwambikwa agashambara Mpeze Ndabambike. Emwe baja banje! Mu vy'ukuri mwese birashika mukagwa mu vyaha ijoro n'umurango, nanje Nkaba Ngumya akabanga ku vyaha vyose Nkareka kubihanira, enda rero nyabuna nimunsabe imbabazi ku vyaha vyanyu, Mpeze ndabababarire. Emwe baja banje! Mu vy'ukuri ntimuzogera aho mwogira ico mukoze kibangamye ngo mumbangamire, eka ntimuzogera n'aho mwogira ikintu ngirakamaro mukoze ngo hagire ico kimarira. Emwe baja banje! Mu gihe uwa mbere muri mwebwe gushika ku wa nyuma muri mwebwe, abantu muri mwebwe n'Amajini muri mwebwe, bose hamwe boba abagamburukiramana ku rugero rw'umutima w'umuntu umwe muri mwebwe, ivyo nta na kimwe vyokwongereza mu Bwami bwanje. Emwe baja banje! Mu gihe uwa mbere muri mwebwe gushika ku wa nyuma muri mwebwe, abantu muri mwebwe n'Amajini muri mwebwe, bose hamwe boba abanyavayaha ku rugero rw'umutima w'umuntu umwe, ivyo nta na kimwe vyogabanya mu Bwami bwanje. Emwe baja banje! Mu gihe uwa mbere muri mwebwe gushika ku wa nyuma muri mwebwe, abantu muri mwebwe n'Amajini muri mwebwe, bose hamwe bohagarara ku rubuga rumwe, maze bakansaba, Ngaheza ngaha umwe wese muri bo ivyo yasavye, ivyo nta na kimwe vyogabanya mu biri iwanje atari nka kurya wofata urushinge ukadwibika mw'ibahari (ata co rugabanyako). Emwe baja banje! Ni ukuri, ni ibikorwa vyanyu Ndababungabungira hanyuma Nkazobibahembera. Uwo wese rero azosanga ahembewe ivyiza, araheza ashimire Imana Allah; nayo uwuzosanga ahembewe ibitari ivyo, ntazote imiragwe ku muntu kiretse kwitako imiragwe ku gatwe kiwe".
الترجمة
العربية বাংলা Bosanski English Español Français Bahasa Indonesia Русский Tagalog Türkçe اردو 中文 हिन्दी ئۇيغۇرچە Kurdî Hausa Português മലയാളം తెలుగు Kiswahili فارسی မြန်မာ Deutsch 日本語 پښتو Tiếng Việt অসমীয়া Shqip Svenska Čeština ગુજરાતી Yorùbá Nederlands සිංහල தமிழ் دری Fulfulde Magyar ಕನ್ನಡ Кыргызча Lietuvių or Română Kinyarwanda Српски O‘zbek Moore नेपाली тоҷикӣ Oromoo Wolof Български Українська Azərbaycan ქართული Bambara Македонски Ελληνικά Akan ភាសាខ្មែរ አማርኛ Italiano Malagasy ไทย मराठी ਪੰਜਾਬੀ Lingala msالشرح
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aratomora ko Imana Allah Nyenukuninahazwa na Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Yavuze ko Yaziririje kuba hari n'umwe mu biremwa Yorenganya, Iraheza Iziririza n'uko ata karenganyo koba hagati y'ibiremwa vyayo; n'uko ibiremwa vyose biri mu buhuvyi bwo kutamenya inzira y'ukuri kiretse uwurongowe agashobozwa n'Imana Allah, kuko burya uwusavye Imana Allah ngo Imurongore, Iraheza Ikamushoboza Ikanamurongora mu nzira igororotse; n'uko ibiremwa vyose bikenye mu gukenera vyose ku Mana Allah, kuko burya uwusavye Imana Allah Iheza Ikamutunganiriza mu kumukemurira ibibazo kandi mu buryo buhagije; n'uko ibiremwa vyose bikora ivyaha ijoro n'umurango, Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere na Yo Ikaba Igumya akabanga Ikanababarira uwuyisavye mu kumugirira imbabazi ku vyaha yokoze; n'uko ibiremwa vyose bidashoboye kugira na kimwe vyokora ngo bibangamire Imana Allah canke ngo hagire ico vyoyimarira; n'uko ibiremwa vyose mu gihe vyogamburukira Imana Allah ku rugero rw'umutima w'umuntu umwe, ata co ubugamburukiramana bwavyo bwokwongerereza Imana Allah mu Bwami bwayo; n'uko ibiremwa vyose mu gihe vyoba ibinyavyaha ku rugero rw'umutima w'umuntu umwe, ata co ubunyavyaha bwavyo bwogabanya ku Bwami bw'Imana Allah, kuko ibiremwa ata co vyishoboje binakeneye Imana Allah muri vyose mu bihe vyose, umwanya wose n'aho ari ho hose, Nyenukuninahazwa Allah Akaba ari We rero Yikenuye muri vyose, ata n'ico Akeneye ku biremwa; n'uko ibiremwa vyose mu bantu n'Amajini mu gihe vyokorana bigahagarara ahantu hamwe, uhereye ku kiremwa ca mbere gushika ku ca nyuma muri vyo, maze bigasaba Imana Allah, Igaheza Igaha kimwe cose muri vyo ico casavye, ata na kimwe vyogabanya muri biri ku Mana Allah; nka kurya urushinge mu gihe rwodwibikwa mw'ibahari hanyuma rugakurwamwo ata na kimwe vyogabanya mu mazi ya nya bahari; ivyo rero bikerekana ukwikenura kw'Imana Allah Nyenukuninahazwa, ko kutagira iherezo. Mu vy'ukuri, Imana Allah Irabungabunga ibikorwa vy'abaja bayo Ikanabibaharurira, hanyuma Ikazobibahembera ku musi w'izuka. Uwo wese rero azosanga impembo yiwe ku bikorwa yakoze ari nziza, araheza ashimire Imana Allah kuba Yaramushoboje kuyigamburukira; nayo uwuzosanga na we impembo y'ibikorwa vyiwe atari nk'iyo, ntazote imiragwe ku muntu n'umwe kiretse kwitako imiragwe ku gatwe kiwe, kuko umutima wiwe mubi wamushikanye ku gahombo.فوائد الحديث
Iyi nyigisho y'intumwa, iharurwa mu nyigisho Umuvugishamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yakiriye ku Mana yiwe Rurema, inyigisho nk'iyo ikaba yitwa inyigisho ntagatifu "al-hadiithu al-qudsiy" canke "al-hadiithu al-ilaahiy", bisigura ko amajambo n'inyigisho biri muri yo, bikomoka ku Mana Allah, uretse ko iyo nyigisho iba itagira ibiyiranga nka birya biranga Qor'ani ntagatifu, bituma ata kindi na kimwe gisa na yo; nko kuyisoma mu kwiyegereza ku Mana Allah, ugutunganya isuku ryo gusenga kugira ushobore kuyisoma, uguhiga n'ibiremwa mu kuba bitoshobora kuzana nkayo, no kuba rero ari igitangaro ku biremwa, n'ibindi bitari ivyo.
Ibishobowe n'ibiremwa mu bumenyi n'ukurongoka, biba ku kwigishwa no kurongorwa n'Imana Allah.
Ivyiza bishikira umuja, biba ari impano ivuye ku Mana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere; nayo ibibi bimushikira bikaba bimushikira ku mvo zimuturutseko wenyene n'ivyipfuzo vyiwe.
Uwubaye umugwaneza rero, abishobora kuko Yabishobojwe n'Imana Allah, ukubihemberwa na kwo kukaba ari impano iturutse ku Mana Allah Iheza Ikabishimirwa; nayo uwukoze inabi akaba ata wundi yotako imiragwe kiretse ko yoyitako ku gatwe kiwe.
