Oneness of Allah's Names and Attributes

Oneness of Allah's Names and Attributes

1- Mu vy'ukuri, Imana Allah Yaranditse ivyiza n'ibibi, hanyuma Iraheza Irabitomora ko uwo wese rero azozirikana gukora iciza, hanyuma ntagishire mu ngiro, Imana Allah Izokimwandikirako iciza kimwe cuzuye; niyaramuka naho akizirikanye hanyuma akagishira mu ngiro, Imana Allah Izokimwandikirako ivyiza cumi vyuzuye gushika ku vyiza bigwijwe incuro amajana indwi, eka mbere n'ibirenga gushika ku vyiza bigwijwe incuro nyinshi hisunzwe izirikanamana yagikoranye; n'uwo wese azozirikana gukora ikibi hanyuma ntagishire mu ngiro, Imana Allah Izokimwandikirako iciza kimwe cuzuye; niyaramuka naho akizirikanye hanyuma akagishira mu ngiro, Imana Allah Izokimwandikirako ikibi kimwe gusa