Mu vy'ukuri, Imana Allah Yaranditse ivyiza n'ibibi, hanyuma Iraheza Irabitomora ko uwo wese rero azozirikana gukora iciza, hanyuma ntagishire mu ngiro, Imana Allah Izokimwandikirako iciza kimwe cuzuye; niyaramuka naho akizirikanye hanyuma akagishira mu ngiro, Imana Allah Izokimwandikirako ivyiza…

Mu vy'ukuri, Imana Allah Yaranditse ivyiza n'ibibi, hanyuma Iraheza Irabitomora ko uwo wese rero azozirikana gukora iciza, hanyuma ntagishire mu ngiro, Imana Allah Izokimwandikirako iciza kimwe cuzuye; niyaramuka naho akizirikanye hanyuma akagishira mu ngiro, Imana Allah Izokimwandikirako ivyiza cumi vyuzuye gushika ku vyiza bigwijwe incuro amajana indwi, eka mbere n'ibirenga gushika ku vyiza bigwijwe incuro nyinshi hisunzwe izirikanamana yagikoranye; n'uwo wese azozirikana gukora ikibi hanyuma ntagishire mu ngiro, Imana Allah Izokimwandikirako iciza kimwe cuzuye; niyaramuka naho akizirikanye hanyuma akagishira mu ngiro, Imana Allah Izokimwandikirako ikibi kimwe gusa

Mu vyakiriwe na mwene Abaasi (Imana Allah Ibishimire bompi) ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) mu vyo ashikiriza bivuye ku Mana Allah Nyeniteka n'icubahiro nta ngere, aho yavuze ko Imana Allah Yavuze iti: "Mu vy'ukuri, Imana Allah Yaranditse ivyiza n'ibibi, hanyuma Iraheza Irabitomora ko uwo wese rero azozirikana gukora iciza, hanyuma ntagishire mu ngiro, Imana Allah Izokimwandikirako iciza kimwe cuzuye; niyaramuka naho akizirikanye hanyuma akagishira mu ngiro, Imana Allah Izokimwandikirako ivyiza cumi vyuzuye gushika ku vyiza bigwijwe incuro amajana indwi, eka mbere n'ibirenga gushika ku vyiza bigwijwe incuro nyinshi hisunzwe izirikanamana yagikoranye; n'uwo wese azozirikana gukora ikibi hanyuma ntagishire mu ngiro, Imana Allah Izokimwandikirako iciza kimwe cuzuye; niyaramuka naho akizirikanye hanyuma akagishira mu ngiro, Imana Allah Izokimwandikirako ikibi kimwe gusa".

الشرح

Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) iratomora ko mu vy'ukuri Imana Allah Yageze ivyiza n'ibibi, hanyuma Iraheza Itomorera abamalayika babiri ukungene bazovyandika Iti: Uwo wese azozirikana agafata ingingo yo gukora iciza, ko kizokwandikwa ko ari iciza kimwe n'aho atazoba yagishize mu ngiro; niyaramuka agishize mu ngiro naho, ko azogihemberwako ivyiza, kigwijwe cumi gushika ku vyiza bigwijwe incuro amajana indwi, ahubwo mbere n'ibirenga gushika ku vyiza bigwijwe incuro nyinshi. Igwizwa ry'indishi y'iciza rero, yisunga urugero rw'izirikanamana riri mu mushaha, hamwe n'ukuba nya ciza gifitiye akamaro abandi, n'ibindi nk'ivyo. N'uwo wese azozirikana agafata ingingo yo gukora ikibi hanyuma ntagishire mu ngiro ku bw'Imana Allah; Intumwa y'Imana iratomora ko azocandikirwako iciza kimwe; aramutse aretse gukora nya kibi ku mvo z'ugufatirwa hamwe n'ukudashobora gukora ibituma yogishikako, nta na kimwe azokwandikirwa; niyakireka ku mvo z'ukunanirwa kugikora naho, azokwandikwako izirikanagikorwa ryiwe ribi; aramutse agishize mu ngiro rero, azocandikwako ikibi kimwe gusa.

فوائد الحديث

Kwerekana ivyiza bihambaye Imana Allah Yageneye abantu barungikiwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), mu kwandikirwa no mu kugwirizwa ku Mana Allah ivyiza bakora, no mu kutagwirizwa ibibi bakora.

Agaciro k'izirikana-gikorwa n'ingaruka zaryo mu vyo umuntu akora.

Ivyiza vy'Imana Allah Nyeniteka n'icubahiro nta ngere, ikigongwe cayo hamwe n'ubugwaneza bwayo mu kwandikira indishi z'iciza, uwuzirikanye nya ciza n'aho yoba atashoboye kugishira mu ngiro.