Mu vy'ukuri, Imana Allah ntirenganya namba umwemeramana ku ciza na kimwe akoze, araheza akagisubirizwa mu ndumane akiri kw'isi, akazonagihemberwa no mu buzima bw'inyuma yo gupfa

Mu vy'ukuri, Imana Allah ntirenganya namba umwemeramana ku ciza na kimwe akoze, araheza akagisubirizwa mu ndumane akiri kw'isi, akazonagihemberwa no mu buzima bw'inyuma yo gupfa

Mu vyakiriwe na Anasi mwene Maliki (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Mu vy'ukuri, Imana Allah ntirenganya namba umwemeramana ku ciza na kimwe akoze, araheza akagisubirizwa mu ndumane akiri kw'isi, akazonagihemberwa no mu buzima bw'inyuma yo gupfa, nayo umugararizamana, araheza agafungurirwa mu guhemberwa ivyo yakoze ku bw'Imana Allah akiri kw'isi, maze yashika mu buzima bw'inyuma yo gupfa, akazosanga ata ciza na kimwe asigaranye yohemberwa".

الشرح

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aratomora mu kwerekana impano zihamabaye z'Imana Allah ku bemeramana, akerekana n'ubutungane bwayo ku bagararizamana. Umweramana rero, nta kigabanuka ku mpera y'iciza yakoze; ahubwo wewe asubirizwa mu ndumane nya ciza mu guhabwa ineza y'iyumviramana akiri kw'isi, hiyongeyeko impera yaco mu buzima bw'inyuma yo gupfa; hari n'igihe rero abungabungirwa impera yose y'iciza yakoze, akazoyihabwa mu buzima bw'inyuma yo gupfa. Nayo umugararizamana, Imana Allah Iraheza Ikamuhembera ivyiza yakoze mu kumugenera ivyiza vyo kw'isi, maze yashika mu buzima bw'inyuma yo gupfa, akazosanga ata ciza na kimwe asigaranye akwiye guhemberwa. Ivyo biri ukwo, kubera ko igikorwa ciza kigira akamaro kw'isi no mu buzima bw'inyuma yo gupfa, kiba ari kirya cakozwe n'umwemeramana.

فوائد الحديث

Uwapfuye akiri mw'igararizamana, ibikorwa vyiwe vyiza nta co bizomumarira (mu buzima bw'inyuma yo gupfa).