Mu vyukuri, Imana Allah ntiraba ingene musa n'uko muremye, eka ntinaraba amatungo yanyu, ariko Iraba ibiri mu mitima yanyu hamwe n'ibikorwa vyanyu vyiza mwakoze

Mu vyukuri, Imana Allah ntiraba ingene musa n'uko muremye, eka ntinaraba amatungo yanyu, ariko Iraba ibiri mu mitima yanyu hamwe n'ibikorwa vyanyu vyiza mwakoze

Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Mu vyukuri, Imana Allah ntiraba ingene musa n'uko muremye, eka ntinaraba amatungo yanyu, ariko Iraba ibiri mu mitima yanyu hamwe n'ibikorwa vyanyu vyiza mwakoze".

[صحيح] [رواه مسلم]

الشرح

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aratomora ko Imana Allah Nyenukuninahazwa na Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Itaraba ishusho n'indemo vy'abaja bayo; ko bihimbaye canke bidahimbaye ababibona! Ko bafise imibiri idoshe mininiminini canke inamvye mitomito! Canke ko imibiri yabo ifise amagara meza canke isinzikajwe n'indwara! Eka ntinaraba amatungo yabo, ko ari menshi canke make! Kuko Imana Allah Nyenintsinzi na Nyenicubahiro, ntizohanira abaja bayo canke ngo Ibaharurire kuri ibi bidondaguwe n'ukungene bagenda babisumbasumbanamwo, ahubwo nyabuna Iraba ibiri mu mitima yabo, mu kuba umuntu arangwa n'igamburukiramana, yizera nya kwizera, avuga ukuri, agira izirikanamana mu gihe c'ukurangura ibikorwa, canke mu kuba umuntu arangwa n'ukwiyerekana n'ukurondera kuyagwa neza n'abantu, Igaheza kandi Ikaraba ibikorwa vyabo bakora, mu kuba bitunganye canke vyononekaye; maze Ikavyakira Ikabibahembera canke Ikavyanka Ikabibarekera.

فوائد الحديث

Ukwitwararika itunganya ry'umutima, hamwe n'isukura ryawo mu kuwusukura na birya bibi vyose biwusivya.

Itungana ry'umutima rigirwa n'izirikanamana "ikhlaasw", iryohora ry'ibikorwa rigirwa n'ugukurikira Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) "mutaaba'a", ivyo vyompi rero, ni vyo Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro Iraba Ikanaha agaciro.

Umuntu burya ntakwiye kwihenda mu kwishimira amatungo yiwe, canke ubwiza bw'ishusho ryiwe, canke indemo y'umubiri wiwe, eka ntakwiye no kwishimira ikintu na kimwe mu bihendamaso vy'isi.

Ukwihaniza umuntu ko adakwiye kwitwararika gusa ishusho ry'ibiboneka yirengagiza itunganywa r'ibihishije mu mushaha.

التصنيفات

Oneness of Allah's Names and Attributes, Acts of Heart