إعدادات العرض
Mbega burya Uwamushoboje kugendesha amaguru kw'isi, ntashoboye kuzomugendesha mu maso hiwe ku musi w'izuka!?
Mbega burya Uwamushoboje kugendesha amaguru kw'isi, ntashoboye kuzomugendesha mu maso hiwe ku musi w'izuka!?
Mu vyakiriwe na Qataada (nyakugira impuhwe z'Imana Allah) yavuze ati: "Anasi mwene Maliki (Imana Allah Imwishimire) yaratwiganiye ko hari umugabo yigeze kuvuga ati: "Ewe Muvugishwamana! Izurwa ry'umugararizamana agendesha mu maso hiwe, rizogenda gute?", aca aramwishura ati: "Mbega burya Uwamushoboje kugendesha amaguru kw'isi, ntashoboye kuzomugendesha mu maso hiwe ku musi w'izuka!?". Qataada yaciye avuga ati: "Ego cane, Yobuzwa n'iki kubishobora! Kandi ndavyemanze ndahira ku cubahiro c'Imana yacu Rurema Allah ko bizoshoboka"".
[صحيح] [متفق عليه]
الترجمة
العربية English မြန်မာ Svenska Čeština ગુજરાતી Yorùbá Nederlands اردو Español Bahasa Indonesia ئۇيغۇرچە বাংলা Bosanski සිංහල हिन्दी Tiếng Việt Hausa മലയാളം తెలుగు Kiswahili پښتو অসমীয়া Shqip دری Ελληνικά Български Fulfulde ಕನ್ನಡ Кыргызча Lietuvių Română Kinyarwanda Српски тоҷикӣ O‘zbek नेपाली Kurdî Wolof Moore Soomaali Français Українська Tagalog Azərbaycan தமிழ் Deutsch Bambara ქართული Português Македонски Magyar Русский 中文 فارسی ភាសាខ្មែរ Malagasy Oromoo ไทย मराठी ਪੰਜਾਬੀ Türkçe Lingala Italiano አማርኛ Dansk kmrالشرح
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yarabajijwe ukungene bishoboka ko umugararizamana azozurwa ku musi w'izuka agendesha mu maso hiwe!? Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca yishura avuga ati: Mbega none burya Uwamushoboje kugendesha amaguru kw'isi, ntashoboye kuzomugendesha mu maso hiwe ku musi w'izuka!? Imana Allah rero, ni Mushoboravyose.فوائد الحديث
Ikengerwa ry'umugararizamana ku musi w'izuka, ni uko azogendesha mu maso hiwe.
