Mbega burya Uwamushoboje kugendesha amaguru kw'isi, ntashoboye kuzomugendesha mu maso hiwe ku musi w'izuka!?

Mbega burya Uwamushoboje kugendesha amaguru kw'isi, ntashoboye kuzomugendesha mu maso hiwe ku musi w'izuka!?

Mu vyakiriwe na Qataada (nyakugira impuhwe z'Imana Allah) yavuze ati: "Anasi mwene Maliki (Imana Allah Imwishimire) yaratwiganiye ko hari umugabo yigeze kuvuga ati: "Ewe Muvugishwamana! Izurwa ry'umugararizamana agendesha mu maso hiwe, rizogenda gute?", aca aramwishura ati: "Mbega burya Uwamushoboje kugendesha amaguru kw'isi, ntashoboye kuzomugendesha mu maso hiwe ku musi w'izuka!?". Qataada yaciye avuga ati: "Ego cane, Yobuzwa n'iki kubishobora! Kandi ndavyemanze ndahira ku cubahiro c'Imana yacu Rurema Allah ko bizoshoboka"".

[صحيح] [متفق عليه]

الشرح

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yarabajijwe ukungene bishoboka ko umugararizamana azozurwa ku musi w'izuka agendesha mu maso hiwe!? Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca yishura avuga ati: Mbega none burya Uwamushoboje kugendesha amaguru kw'isi, ntashoboye kuzomugendesha mu maso hiwe ku musi w'izuka!? Imana Allah rero, ni Mushoboravyose.

فوائد الحديث

Ikengerwa ry'umugararizamana ku musi w'izuka, ni uko azogendesha mu maso hiwe.