Emwe bantu! Mu vy'ukuri Imana Allah, ni Nziza kandi Irakunda ivyiza, kanatsinda Imana Allah Yategetse abemerama gukora nka birya nyene Yategetse Intumwa

Emwe bantu! Mu vy'ukuri Imana Allah, ni Nziza kandi Irakunda ivyiza, kanatsinda Imana Allah Yategetse abemerama gukora nka birya nyene Yategetse Intumwa

Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Emwe bantu! Mu vy'ukuri Imana Allah, ni Nziza kandi Irakunda ivyiza, kanatsinda Imana Allah Yategetse abemerama gukora nka birya nyene Yategetse Intumwa, aho Yavuze Iti: ﴾Emwe Ntumwa z’Imana! Nimufungure mu vyiza bibaryoheye birekuwe, muheze mukore n’ibikorwa vyiza bitegetswe, mu vy’ukuri Jewe Allah, Ndazi neza ivyo mukora vyose, ndi Nyenubumenyikurivyose﴿ (Al-Mu-minuuna: 51), Yongera Ivuga Iti: ﴾Emwe bemeramana! Nimurye mu vyiza Twabafunguriye, muheze mushimire vy’ukuri Imana Allah ku nema zayo nimwaba koko ari Yo gusa mwiyegereza mu vyo mukora vyose mukanayisenga﴿ (Al-Baqara: 172); mu nyuma ica ivuga inkuru y'umuntu yagize urugendo rurerure, maze ntiyaba agisokoza umushatsi ari urushwigiri, yarenzwe n'intumo ntiworaba, aheza agatarika ibiganza hejuru asaba ati: "Ewe Mana yanje Rurema! Ewe Mana yanje Rurema! Kandi atunzwe n'ugufungura ibizira, ukunywa ibizira, yambara mu bizira, eka mbere we wese akaba atunzwe n'ibizira. None ga yemwe! Uyo muntu nk'uyo, ni gute yokwakirirwa igisabisho ciwe!".

[صحيح] [رواه مسلم]

الشرح

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaratwiganiye ko Imana Allah ari Nziza, Nyenubutagatifu, Izira kurangwa n'agahaze n'akanenge, Irangwa n'ibitunganye vyose mu buryo buberanye n'icubahiro cayo, ntiyakira mu bikorwa, mu majambo no mu vyo abantu bemera mu mishaha yabo, kiretse ikiba ari ciza muri vyo, na co kikaba ari kirya cejejwe ku bw'Imana Allah, gihuye n'uburongozi bwazanwe n'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), ntibinarekuwe rero ko hari uwokwiyegereza ku Mana Allah kiretse mu kwubahiriza ivyo. Biri mu bihambaye bituma ibikorwa vy'umwemeramana biba vyiza, kuba imfungurwa ziwe ari nziza, zabonetse mu birekuwe "halaali", gutyo iyubahirizwa ry'ivyo rikeza ibikorwa vyiwe, ni kuri iyo mvo rero Imana Allah Yarategetse abemeramana gukora birya nyene Yategetse Intumwa zayo, mu kuba bakwiye gufungura ibirekuwe hamwe rero no gukora ibikorwa vyiza bitegetswe, aho Ivuga Iti: ﴾Emwe Ntumwa z’Imana! Nimufungure mu vyiza bibaryoheye birekuwe, muheze mukore n’ibikorwa vyiza bitegetswe, mu vy’ukuri Jewe Allah, Ndazi neza ivyo mukora vyose, ndi Nyenubumenyikurivyose﴿, Irongera Ikavuga Iti: ﴾Emwe bemeramana! Nimurye mu vyiza Twabafunguriye﴿. Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yarihanije abantu ukurya ibizira "haraamu" kuko vyonona igikorwa bikanabuza ko cakirwa n'Imana Allah n'aho umuntu yokwita ku rutare mu kwubahiriza ibintu bigaragara vyotuma igikorwa cakirwa; muri vyo twovuga: Ubwa mbere: umuntu gufata urugendo rurerure agiye mu bikorwa vy'iyumviramana; nko kuja gushengerera ingoro ntagatifu, guharanira idini ry'Imana Allah, kwunga ubuvandimwe, n'ibindi bitari ivyo. Ubwa kabiri: ukugira umushatsi w'urushigiri udasokoje, wahindutse ibara hamwe n'impuzu zahinduwe n'intumo, uyu rero aba ari ntamagiro kuko yabuze uko agira. Ubwa gatatu: ugutarika ibiganza hejuru mu gusaba ikisabisho. Ubwa kane: ukwifashisha amazina y'Imana Allah mu kuyisaba no mu kudahesha mu gusuba; nko kuvuga uti: Ewe Mana yanje Rurema! Ewe Mana yanje Rurema! Hamwe rero n'ukwubahiriza izi mvo zituma igisabisho cakirwa, ntaheza ngo yumvirwe; kuko ibifungurwa, ibinyobwa hamwe n'inyambarwa vyiwe vyose biba ari mu bizira, akaba anabeshejweho n'ibizira, ukwakirwa igisabisho c'umuntu arangwa n'ibintu nk'ibi rero, biri kure cane nk'ukwezi!

فوائد الحديث

Imana Allah Nyenukuganza Nyenicubahiro, ni Intore mu kuntu Iteye, mu mazina n'amatazirano yayo, mu bikorwa vyayo, no mu ngingo zayo ziyikomokako.

Ibwirizwa ry'izirikanama rijana n'igikorwa gikozwe ku bw'Imana Allah, hamwe n'ugukurikira ivyigishijwe n'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah).

Ugukoresha ibituma umuntu ashiruka ubute mu bikorwa, aho dusanga Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ati: "Mu vy'ukuri Imana Allah Yategetse abemerama gukora nka birya nyene Yategetse Intumwa"; iyo rero umwemeramana amenye ko iki kiri mu vyategetswe Intumwa, biramuremesha bikanamutera intege mu gukurikiza akarorero kazo.

Ukurya ibizira, biri mu bibuza igisabisho kwakirwa.

Mu bituma igisabisho cakirwa, ni ibintu bitanu, ica mbere: ni ugufata urugendo rurerure kuko harimwo ukunanirwa gutuma haba ukwicisha bugufi, ico na co kikaba kiri mu bihambaye bituma igisabisho cakirwa; ica kabiri: ni umuntu kubura ico afata n'ico areka; ica gatatu: ni ugutarika ibiganza hejuru; ica kane: ugushimika mu gusaba Imana Allah ata guhesha, maze ugasubiramwo amazina aranga ibikorwa vyayo, ico na co kikaba kiri mu bihambaye vyifashishwa mu kwakirirwa igisabisho; ica gatanu: ukuryosha imfungurwa n'ibinyobwa mu kuba ari ibiziruye.

Kurya ibirekuwe vyiza, kiri mu mvo zifasha umuntu gukora ibikorwa vyiza bitegetswe.

Al-Qaadwi Yavuze ati: "Ijambo "ciza" ni igihushane ry'ijambo "kibi", iyo rero iryo jambo rikoreshejwe ku Mana Allah, rica risigura ubutore bw'Imana Allah mu kuba Yejejwe Izira akanenge, mu kuba ari Nyenubutagatifu Itigera Ishikirwa n'ibiza, nayo iyo rikoreshejwe ku muja w'Imana Allah, rica risigura ukwirinda ingeso mbi mu ngiro, maze umuntu akarangwa n'ibihushane vy'izo ngeso mbi, iyo naho rikoreshejwe ku matungo, rica risigura ko ari ivyahiswemwo mu biziruye mu matungo".