إعدادات العرض
Ewe mwene Adamu! Mu vy'ukuri wewe, igihe cose uzonsaba ukanyizera, Nzokugumiriza akabanga ku vyaha vyawe, maze ndabikubabarireko uko bizoba bingana kwose ata na kimwe Ninona
Ewe mwene Adamu! Mu vy'ukuri wewe, igihe cose uzonsaba ukanyizera, Nzokugumiriza akabanga ku vyaha vyawe, maze ndabikubabarireko uko bizoba bingana kwose ata na kimwe Ninona
Mu vyakiriwe na Anasi mwene Maliki (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Narumvise Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ivuga iti: "Imana Allah Nyenimigisha na Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Yavuze Iti: "Ewe mwene Adamu! Mu vy'ukuri wewe, igihe cose uzonsaba ukanyizera, Nzokugumiriza akabanga ku vyaha vyawe, maze ndabikubabarireko uko bizoba bingana kwose ata na kimwe Ninona. Ewe mwene Adamu! Mu gihe ivyaha vyawe vyogwirirana bikagera mw'ijuru, hanyuma ukabinsabako ikigongwe, Nokugumirije akabanga ku vyaha vyawe, maze Nkabikubabarirako ata na kimwe Ninona. Ewe mwene Adamu! Mu vy'ukuri wewe, mu gihe woza iwanje ufise ibicumuro vyuzuye isi, hanyuma ugahura nanje mu nyuma yo gupfa utigeze umbangikanya na kimwe mu biremwa, ni ukuri uzonsanga Ndakuzaniye ikigongwe cuzuye isi".
الترجمة
العربية বাংলা Bosanski English Español فارسی Français Bahasa Indonesia Русский Tagalog Türkçe اردو 中文 हिन्दी Hausa Kurdî Português සිංහල অসমীয়া Kiswahili Tiếng Việt ગુજરાતી Nederlands پښتو नेपाली മലയാളം Svenska Кыргызча Română ಕನ್ನಡ Српски తెలుగు ქართული Moore Magyar Македонски Čeština Українська Lietuvių Kinyarwanda አማርኛ Azərbaycan Wolof Malagasy ไทย मराठी ਪੰਜਾਬੀ دری ភាសាខ្មែរ O‘zbek Oromoo ms тоҷикӣ Shqip தமிழ் Deutsch kmrالشرح
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaratwiganiye ko Imana Allah Nyenimigisha na Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Yavuze mu nyigisho ntagatifu Iti: Ewe mwene Adamu! igihe cose uzoba ukinsaba wizeye kuronka impuhwe zanje, udacika ivutu ngo udebukirwe; Nzokugumiriza akabanga ku vyaha vyawe maze ndabihanagure ata na kimwe Ninona, n'aho nya vyaha vyoba ari mu vyaha rutura. Ewe mwene Adamu! Mu gihe ivyaha vyawe vyoba vyinshi ku buryo vyokwuzura hagati y'ijuru n'isi, maze bikangana n'ibiremwa biri hagati yavyo, bisaga impande zavyo zose, hanyuma ukabinsabira ikigongwe, Nobiguhanaguriye Nkabikubabarira vyose ata na kimwe Ninona ku bwinshi bwavyo. Ewe mwene Adamu! Mu vy'ukuri wewe mu gihe worenguka iwanje umaze gupfa, maze ukaza ufise ivyaha n'ibicumuro vyuzuye isi, ukaba utigeze umbangikanya na kimwe mu biremwa, ni kuri ivyo vyaha n'ibicumuro vyawe vyohura n'ikigongwe canje cuzuye isi, maze Nkabikubabarira; kuko ikigongwe canje gikwiye hose, Nkaba Mbabarira ivyaha vyose kiretse gusa icaha co kumbangikanya n'ikidi kintu.فوائد الحديث
Ubwinshi bw'impuhwe, bw'ukubabarira ivyaha hamwe n'ivyiza biva ku Mana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere.
Akomaro n'ivyiza vy'ukwemera Imana Imwe Rudende Allah, n'uko Imana Allah Ibabarira abayisenga batayibangikanya na kimwe, ivyaha n'ibicumuro vyabo.
Ububi bw'ibangikanyamana, n'uko Imana Allah Itababarira ababangikanyamana.
Mwene Rajab yavuze ati: "Iyi nyigisho ntagatifu ihurikiyemwo ibintu bitatu bituma umuntu ababarirwa ivyaha: ica mbere, ni ugusaba Imana Allah kujana n'ukwizera impuhwe zayo; ica kabiri, ni ugusaba imbabazi n'ukwigaya ku vyaha; ica gatatu, ni umuntu gupfa atigeze abangikanya Imana Allah".
Iyi nyigisho y'intumwa iri mu vyakiriwe n'Umvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ku Mana yiwe Rurema. inyigisho nk'iyi rero ikitwa inyigisho ntagatifu "hadiithu qud-siyyu" canke "hadiithu ilaahiyyu", na yo ikaba ari irya nyigisho amajambo n'insiguro yayo akomoka ku Mana Allah; kiretse ko inyigisho ntagatifu itagenewe nka birya vyagenewe Qor'ani, mu kuba isomwa ryayo riri mu bikorwa nyegerezamana, mu gusaba itunganywa ry'isuku imbere yo kuyisoma, uguhiga n'ibiremwa ko bidashoboye kuzana ibisa na yo mu nyubako n'insiguro yayo, hamwe rero n'ukuba ari igitangaro ku biremwa, n'ibindi bitari ivyo.
Ivyaha biri mu mice itatu: umuce wa mbere: ni ibangikanyamana, iki na co kikaba kitababarirwa n'Imana Allah. Imana Allah Yavuze Iti: {إِنَّهُۥ مَن یُشۡرِكۡ بِٱللَّهِ فَقَدۡ حَرَّمَ ٱللَّهُ عَلَیۡهِ ٱلۡجَنَّةَ }. "Mu vy’ukuri, uwo wese azobangikanya Imana Allah n’ikindi kintu, ni ukuri Imana Allah Yaraziririje ko yoja mu Bwami bw’ijuru" (Al-Maa-ida: 72); umuce wa kabiri: ni umuntu wenyene kwirenganya mu kutubahiriza ibiri hagati yiwe n'Imana yiwe Rurema, maze akarenga ku mabwirizwa yayo mu gukora ivyaha n'ibicumuro, iki na co Imana Allah Ikaba ikibabarira Ikanacirengagiza mu kutagihana; umuce wa gatatu: ni ivyaha Imana Allah itirengagiza ngo Ireke guhana na kimwe muri vyo, na vyo bikaba ari birya vyaha bishingiye ku kurenganyana hagati y'abaja bayo, kuri ivyo rero, abantu bazotegerezwa kurenganurwa imbere y'Imana Allah.
