Umuvugishamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) igihe agiye ku busaswa buri joro yama aca yegeranya ibiganza, hanyuma akabihuhamwo nk'uwuvuma, agaca abisomerako {QUL HUWA LLAAHU AHAD} na {QUL A'UUDHU BIRABBI L-FALAQ} hamwe rero na {QUL A'UUDHU BIRABBI NNAAS}

Umuvugishamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) igihe agiye ku busaswa buri joro yama aca yegeranya ibiganza, hanyuma akabihuhamwo nk'uwuvuma, agaca abisomerako {QUL HUWA LLAAHU AHAD} na {QUL A'UUDHU BIRABBI L-FALAQ} hamwe rero na {QUL A'UUDHU BIRABBI NNAAS}

Mu vyakiriwe na Aisha (Imana Allah Imwishimire), ni uko Umuvugishamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) igihe agiye ku busaswa buri joro yama aca yegeranya ibiganza, hanyuma akabihuhamwo nk'uwuvuma, agaca abisomerako {QUL HUWA LLAAHU AHAD} na {QUL A'UUDHU BIRABBI L-FALAQ} hamwe rero na {QUL A'UUDHU BIRABBI NNAAS}, hanyuma agaca hanaguza nya biganza ku mubiri wiwe aho ashoboye kugeza, maze agahera ku mutwe no mumaso, hayuma agatera amanuka ku mubiri w'imbere. Ivyo yabigira incuro zitatu.

[صحيح] [رواه البخاري]

الشرح

Vyari mu migenzo yiwe (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) igihe agiye ku busaswa ngo aryame, yaca yegeranya ibiganza vyiwe maze akabitarika (nka kurya uwusaba abigenza) agaca abihuhiramwo bukebuke nk'uwuvuma, agaheza agasoma ibisomwa butatu, ari vyo: {QUL HUWA LLAAHU AHAD}, {QUL A'UUDHU BIRABBI L-FALAQ} hamwe rero na {QUL A'UUDHU BIRABBI NNAAS}, hanyuma agaca ahanaguza nya biganza aho ageza ku mubiri wiwe; ahereye ku mutwe no mumaso, n'ibihmba vy'amaja imbere ku mubiri, ivyo akaba yabisuburamwo incuro zitatu.

فوائد الحديث

Birabereye gusoma igisomwa "Al-Ikhlaasw" hamwe n'ibisomwa bibiri bikingira "Al-Mu'awwadhatayni" imbere yuko umuntu asinzira, maze agahuha (mu biganza) igihe co kubisoma, yaheza agaca ahanagura ahashoboka ku mubiri wiwe.