إعدادات العرض
Imana Allah Iragirira impuhwe, umuntu w'umugwaneza iyo hagize ico agurisha, n'iyo hagize ico agura, n'iyo hagize ico yishuza
Imana Allah Iragirira impuhwe, umuntu w'umugwaneza iyo hagize ico agurisha, n'iyo hagize ico agura, n'iyo hagize ico yishuza
Mu vyakiriwe na Jaabiri (Imana Allah Imwishimire), yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'imana Allah) yavuze iti: "Imana Allah Iragirira impuhwe, umuntu w'umugwaneza iyo hagize ico agurisha, n'iyo hagize ico agura, n'iyo hagize ico yishuza".
الترجمة
العربية বাংলা Bosanski English Español فارسی Français Bahasa Indonesia Русский Tagalog Türkçe اردو 中文 हिन्दी සිංහල ئۇيغۇرچە Kurdî Hausa Português മലയാളം తెలుగు မြန်မာ Deutsch 日本語 پښتو Tiếng Việt অসমীয়া Shqip Svenska Čeština ગુજરાતી አማርኛ Yorùbá Nederlands Kiswahili தமிழ் ไทย دری Български Fulfulde Magyar Italiano ಕನ್ನಡ Кыргызча Lietuvių Malagasy or Română Kinyarwanda тоҷикӣ O‘zbek Akan नेपाली Moore Azərbaycan Wolof Oromoo Soomaali Українська km bm ქართული Македонски Српскиالشرح
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), ararikira abantu kurangwa n'impuhwe mu kworoherezanya mu bugwaneza mu gihe co kugurisha ikintu; gutyo umuguzi ntaremerezwe mu kumucirira (kumugenera igiciro), aheze agabanirizwe mu bugwaneza, n'ukworoherezanya mu bugwaneza mu gihe co kugura ikintu; maze ntacirire anebagura agaciro kaco; n'ukworoherezanya mu bugwaneza mu gihe co kwishuza ingurane; maze ntaremereze umworo n'umukene mu kumuhatira kwishura vyanka vyakunda, ahubwo akamusaba kwishura bukebuke mu bugwaneza, akanaha akanya uwunaniwe kwishurira ku gihe bahanye.فوائد الحديث
Biri mu ntumbero y'amabwirizwa y'ubwislamu, gucungera no kubungabunga ibituma haba imigenderanire myiza hagati y'abantu.
Uguhimiriza kwisunga ingeso n'imigenzo myiza mu bikorwa vya misiyose bihuza abantu mu rudandazwa, n'ibindi bisa na vyo.