Wewe mu vy'ukuri, uzoja guhura n'abantu bahawe Igitabu, nimwahura rero na bo, urabanza ubararikire ukwemera bemange ku mutima bature ku rurimi, ko ata mana y'ukuri ibwirijwe gusengwa atari Imana Allah, n'uko Muhamadi ari Intumwa y'Imana Allah

Wewe mu vy'ukuri, uzoja guhura n'abantu bahawe Igitabu, nimwahura rero na bo, urabanza ubararikire ukwemera bemange ku mutima bature ku rurimi, ko ata mana y'ukuri ibwirijwe gusengwa atari Imana Allah, n'uko Muhamadi ari Intumwa y'Imana Allah

Mu vyakiriwe na Mwene Abasi (Imana Allah Ibishimire bompi we hamwe na se Mwene Abdu l-Muttwalibu) yavuze ati: "Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yabwiye Mu'aadhi mwene Jabali, igihe imurungika muri Yemeni iti: " Wewe mu vy'ukuri, uzoja guhura n'abantu bahawe Igitabu, nimwahura rero na bo, urabanza ubararikire ukwemera bemange ku mutima bature ku rurimi, ko ata mana y'ukuri ibwirijwe gusengwa atari Imana Allah, n'uko Muhamadi ari Intumwa y'Imana Allah. Nibakwumvira kuri ivyo bakemera, uraheza ubabwire ko Imana Allah Yabategetse gusenga amasengesho atanu ku musi (ijoro n'umurango). Nibakwumvira kuri ivyo bagasenga gatanu ku musi, uraheza ubabwire ko Imana Allah Yabategetse gutanga ishikanwa-bwirizwa, ritangwa n'abakire muri bo rigahabwa abakene muri bo. Nibakwumvira bagatanga nya shikanwa-bwirizwa, uraheza wirinde(woye) kuvogera amatungo yabo y'agaciro, utinye no guhitanwa n'igisabisho c'uwurenganijwe; kuko ata kikibuza kwakirwa n'Imana Allah".

الشرح

Igihe Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yarungika Mu'aadhi mwene Jabali (Imana Allah Imwishimire) mu gihugu ca Yemeni kugira ararikire abantu ukwemera Imana Allah yongere yigishe ubwislamu, yaramutomoreye ko niyagerayo azohura n'abanaswara, kuba kwari ukugira yitegurire ingene azobigisha ubwislamu abararikira kubwemera, maze aheze atangurire ku gihambaye cane gusumba ibindi; maze abanze atangurire ku gutunganya ukwemera mu kubararikira kwemanga ku mutima n'ukwatura ku rurimi, ko ata mana y'ukuri ibwirijwe gusengwa atari Imana Allah, n'uko Muhamadi ari Intumwa y'Imana; kuko ukwo kwemanga ari kwo gutuma binjira mu bwislamu. Bamaze kumwumvira kuri ico, ace ababwiriza gutsimbataza isengesho kuko ari ryo bwirizwa rihambaye riza mu nyuma y'ukwemera Imana Imwe Rudende Allah; bamaze kumwumvira gusenga, ace abwiriza abakire muri bo ko batanga ishikanwa-bwirizwa riheza rigahabwa abakene muri bo, ni ho rero yaca imwihaniza ko atohirahira ngo avogere amatungo yabo y'agaciro kuko igisabwa mu gutanga ari ugutanga ku matungo agereranye. Mu nyuma, ni ho yaca imuhanura ko yokwirinda akarenganyo, kugira uwurenganijwe ntazohave amusabira nabi ku Mana Allah, maze nya gisabisho kikemerwa, kikamuhitana.

فوائد الحديث

Insiguro y'iyemanga ko ata mana y'ukuri ibwirijwe gusengwa atari Imana Allah "LAA ILAAHA ILLA LLAAH", ni ugutumbera Imana Imwe Rudende Allah mw'irangura ry'ibikorwa nyegerezamana, hamwe n'ukudatumbera ikitari Yo mw'itunganywa ryavyo.

Insiguro y'iyemanga ko Muhamadi ari Intumwa y'Imana "WA-ANNA MUHAMMADAN RASUULU LLAAH", ni ukwemera ko Muhamadi ari Intumwa y'Imana Allah, ukemera ivyo yarungikanywe, hamwe rero n'ukwemera ko ari yo Ntumwa ya nyuma yarungitswe n'Imana Allah ku biremwa.

Uburyo bw'ukuyaga n'umumenyi canke uwufise amakenga mu kwemera, si co kimwe n'uburyo bukoreshwa mu kuyaga n'wutagira ubumenyi; akaba ari na co gituma Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yibukije Mu'aadhi ikamubwira iti: "Wewe mu vy'ukuri, uzoja guhura n'abantu bahawe Igitabu".

Akamaro ko kuba umwislamu atahura idini ryiwe, kugira ashobore kwishura ku makenga y'abakekeranya ku bwislamu, ivyo na vyo bikaba vyoshoboka gusa biciye mu kurondera ubumenyi.

Kuba idini ry'abayahudi n'iry'abanaswara ritacemewe mu nyuma y'irungikwa ry'Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), n'uko batari mu bazorokoka umuriro udahera mu gihe batokwinjira mw'idini ry'ubwislamu, no mu gihe batokwemera Umuvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah).