Aho hambere harigeze kuba umuntu ahereza abantu ingurane, maze hagera kubishuza akabwira umukozi wiwe arungitse ati: "Niwahura n'uwudufitiye umwenda adashoboye kuwishura, uramurengana umwihoze, kumbure hari n'aho na twe Imana Allah Yoturengana mu kutaduhanira ivyaha vyacu

Aho hambere harigeze kuba umuntu ahereza abantu ingurane, maze hagera kubishuza akabwira umukozi wiwe arungitse ati: "Niwahura n'uwudufitiye umwenda adashoboye kuwishura, uramurengana umwihoze, kumbure hari n'aho na twe Imana Allah Yoturengana mu kutaduhanira ivyaha vyacu

Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire), yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'imana Allah) yavuze iti: "Aho hambere harigeze kuba umuntu ahereza abantu ingurane, maze hagera kubishuza akabwira umukozi wiwe arungitse ati: "Niwahura n'uwudufitiye umwenda adashoboye kuwishura, uramurengana umwihoze, kumbure hari n'aho na twe Imana Allah Yoturengana mu kutaduhanira ivyaha vyacu, nya muntu amaze gupfa agahura n'Imana Allah, Yaramurenganye maze Iramubabarira ivyaha vyiwe".

الشرح

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), ariganira abantu inkuru y'umuntu yahora ahereza abantu ingurane canke akabahereza ibidandazwa bazoriha mu nyuma, maze hagera kwishuza, nya muntu akabwira umukozi wiwe arungitse kwishuza abantu bamufitiye umwenda ati: "Niwahura n'uwudufitiye umwenda, maze ugasanga ntashoboye kwishura, uraca umureka wirenganire ata kumuhatira kwishura, canke umwakirire ayo ashoboye kwishura n'aho yoba atangana n'umwenda adufitiye. Ivyo vyose rero, nya muntu akaba yabigira mu ntumbero yo kurondera kubabarirwa n'Imana Allah ivyaha vyiwe. Igihe co guhwera kigeze, Imana Allah Yaramubabariye maze Irirengagiza ivyaha n'ibicumuro vyiwe.

فوائد الحديث

Kurangwa n'ubugwaneza mu bikorwa vya misi yose bihuza abantu, hamwe n'ukwumvira impuhwe uwugize ingorane muri bo, ni bimwe mu bituma umuntu azorokoka umuriro ku musi w'izuka.

Kurangwa n'ubugwaneza ku biremwa n'ukuzirikana indishi ku Mana Allah, no kwizera impuhwe z'Imana Allah, ni bimwe mu bituma umuntu ababarirwa ivyaha vyiwe.