Mu vy'ukuri ibikorwa vyose bihabwa impembo hisunzwe amazirikana-gikorwa vyakoranwe, kandi burya mu vy'ukuri umwe wese arafise ku mushaha ico yazirikanye

Mu vy'ukuri ibikorwa vyose bihabwa impembo hisunzwe amazirikana-gikorwa vyakoranwe, kandi burya mu vy'ukuri umwe wese arafise ku mushaha ico yazirikanye

Mu vyakiriwe na Omari mwene Al-Khattwaabi (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: Mu vy'ukuri, ibikorwa vyose bihembwa impembo hisunzwe izirikana-gikorwa vyakoranwe; kandi burya mu vy'ukuri, umwe wese arafise ku mushaha ico yazirikanye, uwo wese rero ukwimuka kwiwe kuzoba ari ku bw'Imana Allah n'Intumwa yayo, ukwimuka kwiwe kuzokwakirwa ku bw'Imana Allah n'Intumwa yayo; nayo uwuzoba ukwimuka kwiwe ari ku bw'isi n'ibihendamaso vyayo arondera, canke kukaba ari ku mvo z'ugukurikira umugore ashaka kwubakana nawe, ukwimuka kwiwe kuzokwakirirwa ku mvo z'ivyatumye yimuka". Mu majambo yakoreshejwe mu vyashikirijwe na Al-Bukhaariy: "Mu vy'ukuri ibikorwa vyose bihabwa impembo hisunzwe amazirikana-gikorwa vyakoranwe, kandi burya mu vy'ukuri umwe wese arafise ku mushaha ico yazirikanye".

الشرح

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aratomora ko ibikorwa vyose bihabwa agaciro k'indishi hisunzwe izirikana-gikorwa vyakoranwe. Iyi ni ingingo rusangi yerekeye ibikorwa vyose, vyaba ari ibikorwa nyegerezamana canke ibikorwa bijanye n'itunganywa ry'imirimo ya misiyose; ni ukuvuga ko uwugize ico akora aharanira inyungu z'ivy'isi (mu ntumbero yo kurondera ico yogikuramwo ng'aha kw'isi), nta co azoheza ngo ahembwe kiretse mu kuronswa ico nyene yazirikanye kurondera, nta n'impembo azoheza ngo akironkere mu buzima bw'inyuma yo gupfa; nayo uwugize ico akora mu ntumbero yo kwiyegereza Imana Allah, azoheza agihemberwe indishi n'impera n'aho coba ari igikorwa gisanzwe cane; nko gufungura n'ukunywa. Hanyuma (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaratanze akarorero mu kwerekana inkurikizi y'izirikana-gikorwa mu vyo abantu bakora n'aho boba babikoze mu buryo bumwe uravye ukungene babikoze, aho yerekanye ko uwazirikanye mu kwimuka ataye urwiwe arondera gushimwa n'Imana yiwe Rurema Allah, azoheza agahabwa impembo y'ukwimuka kwemewe ku bw'Imana Allah hisunzwe izirikana-gikorwa ryiwe; nayo uwazirikanye mu kwimuka kwiwe, guharanira inyungu z'ivy'isi (kurondera ibihendamaso vy'isi), mu matungo, canke mu vyubahiro, canke mu rudandazwa, canke umukenyezi, azoheza agahabwa impembo y'ukwimuka kwiwe, mu kuronswa ivyo yazirikanye bigatuma yimuka, nta n'umugabane w'impembo azoronka mu buzima bw'inyuma yo gupfa.

فوائد الحديث

Guhimiriza umuntu ko yogira izirikanamana, kuko mu vy'ukuri Imana Allah, ntiyakira igikorwa kiretse icakozwe mu ntumbero yo kurondera gushimwa nayo.

Ibikorwa vyiza vyegereza umuntu ku Mana Allah, iyo umuntu abikoze nk'ibikorwa bisanzwe vyo mu buzima bwa misiyose (mu buryo bw'akamenyero), ntaheza ngo abihemberwe iyo atabikoze mu ntumbero y'ukurondera kwiyegereza Imana Allah.