Ntugakengere ikintu na kimwe mu vyiza, n'aho kwoba ari uguhura na mwenewanyu ukeye (ushwashwanutse) mu maso

Ntugakengere ikintu na kimwe mu vyiza, n'aho kwoba ari uguhura na mwenewanyu ukeye (ushwashwanutse) mu maso

Mu vyakiriwe na Abu Dharri (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yarigeze kumbwira ati: "Ntugakengere ikintu na kimwe mu vyiza, n'aho kwoba ari uguhura na mwenewanyu ukeye (ushwashwanutse) mu maso"".

[صحيح] [رواه مسلم]

الشرح

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yarahimirije umuntu gukora ivyiza, n'uko atokengera iciza na kimwe n'aho koba ari akantu gato. Muri ivyo vyiza adakwiye gukengera, ni ugushwashwanuka mu maso amwenyura igihe ahuye na mugenziwe, birakenewe rero ko umwislamu avyitwararika; kubera ko bituma haba ukumenyerana no kunezereza uwo bahuye.

فوائد الحديث

Ivyiza vyo gukundana hagati y'abemeramana, ukumwenyura no gushwashwanuka mu maso igihe bahuye.

Itungana ry'amabwirizwa y'ikislamu mu kuba ata na kimwe yirengagije kwigisha, n'uko yaje azaniye abislamu birya vyose bituma batunganirwa mu buzima, bakama bavuga (bayaga) rimwe bafatanye mu nda.

Ihimirizwa ryo gukora iciza n'aho koba akantu gato.

Gukundisha abislamu gukora ibitera umunezero hagati yabo; kuko bituma haba ukumenyerana hagati yabo.

التصنيفات

Praiseworthy Morals