إعدادات العرض
Umuhero w'isi, ntuzoshika izuba ritabanje guserukira mu burengero bwaryo; igihe rero ryaserukiyeyo abantu bose bazoca bemera
Umuhero w'isi, ntuzoshika izuba ritabanje guserukira mu burengero bwaryo; igihe rero ryaserukiyeyo abantu bose bazoca bemera
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Umuhero w'isi, ntuzoshika izuba ritabanje guserukira mu burengero bwaryo; igihe rero ryaserukiyeyo abantu bose bazoca bemera; ico ni co gihe Imana Allah Ivugako Iti: {Ico gihe kigeze, ukwemera kw’umuntu atigeze yemera imbere y’ico gihe, nta co kuzomumarira. Aramutse yemeye naho, ibikorwa vyiza atigeze akora imbere y’ico gihe, nta co bizomumarira} [Al-An'aam: 158]; ni ukuri umuhero w'isi uzogera usange abagabo babiri bariko bacirirana igiciro c'impuzu, ntibazoheza ngo baheraheze ubuguzi hagati yabo, eka ntibazonaronka akanya ngo bazinge nya mpuzu; ni ukuri umuhero w'isi uzogera usange umuntu yagiye gukama ingamiya yiwe, ntazoheza ngo anywe amata yayo; ni ukuri umuhero w'isi uzogera usange umuntu ariko arasanura urugomero rwiwe, ntazoheza ngo arunyweko; ni ukuri umuhero w'isi uzogera usange umwe muri mwebwe agejeje utwo atamira ku munwa, ntazoheza ngo adufungure".
الترجمة
العربية English မြန်မာ Svenska Čeština ગુજરાતી Yorùbá Nederlands اردو Español Bahasa Indonesia ئۇيغۇرچە বাংলা Bosanski සිංහල हिन्दी Tiếng Việt Hausa മലയാളം తెలుగు Kiswahili پښتو অসমীয়া Shqip دری Ελληνικά Български Fulfulde ಕನ್ನಡ Кыргызча Lietuvių or Română Kinyarwanda Српски тоҷикӣ O‘zbek नेपाली Moore Kurdî Wolof Soomaali Français Azərbaycan Tagalog Українська Bambara தமிழ் Deutsch ქართული Português Македонски Magyar فارسی Русский 中文 ភាសាខ្មែរ Malagasy Oromoo ไทย मराठी ਪੰਜਾਬੀ Türkçe Lingala Italiano አማርኛ Dansk kmrالشرح
Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaravuze ko mu bimenyetso bikurubikuru vy'umuhero w'isi, ari uko izuba rizoserukira mu burengero ha guserukira mu buseruko; n'uko igihe abantu babonye ivyo bishitse bazoca bemera bose, ico rero, ni co gihe ukwemera kw'uwahora ari umugararizamana imbere yuko bishika, ata co kuzomumarira; eka n'ibikorwa vyiza cibure ukwigaya ku vyaha bizokorwa mu nyuma yuko bishitse, ntibizokwemerwa. Hanyuma Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaravuze ko umuhero w'isi uzoshika giturumbuka; ku buryo uzogera usanga abantu bibereye mu mirimo yabo ya misiyose y'ubuzima; maze ushike usanga umuguzi n'umugurisha bamaze kwanda impuzu, ntibazoheza ngo baheraheze urudandazwa rwabo, eka ntibazonaronka n'akanya ngo bazinge nya mpuzu; umuhero w'isi uzoshika maze usange umuntu afise mu minwe amata akamye ku ngamiya yiwe, ntazoheza ngo ayanywe; umuhero w'isi uzoshika, usange umuntu ariko arasanura urugomero rwiwe, ntazoheza ngo anywe kuri nya rugomero; umuhero w'isi uzoshika, usange umuntu ashikanye utwo atamira ku munwa, ntazoheza ngo adufungure.فوائد الحديث
Ubwislamu n'ukwigaya ku vyaha, biremerwa igihe cose izuba rizoba ritaraserukira mu burengero bwaryo.
Guhimiriza abantu kwitegurira umuhero w'isi, mu kwemera no gukora ibikorwa vyiza bitegetswe; kuko umuhero w'isi uzoshika giturumbuka.
