إعدادات العرض
Urupfu ruzozanwa mw'ishusho ry'intama inuze
Urupfu ruzozanwa mw'ishusho ry'intama inuze
Mu vyakiriwe na Abu Sa'iidi Al-Khudriy (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Urupfu ruzozanwa mw'ishusho ry'intama inuze, haheze hararike umuraritsi ati: "Emwe bantu bo mu Bwami bw'ijuru! Ba bantu bace beraguza baraba hirya n'ino, aheze rero ababaze avuga ati: "Mbega mwoba muzi iki ico ari co?", na bo bace bishura bati: "Ego cane, turakizi! Uru ni rwa rupfu"; kandi aho bose bazoba barwiboneye ukuri kwamye, hanyuma hararike umuraritsi ati: "Emwe bantu bo mu muriro udahera! Ba bantu bace beraguza baraba hirya n'ino, aheze ababaze ati: "Mbega none mwoba muzi iki ico ari co?", na bo bace bishura bati: "Ego cane turakizi! Uru ni rwa rupfu"; kandi aho bose bazoba barwiboneye ukuri kwamye, maze nya rupfu ruri mw'ishusho ry'intama, ruce rukererwa, hanyuma wa muraritsi ace avuga ati: "Emwe bantu bo mu Bwami bw'ijuru! Murafise kubaho ubutagipfa ubuzima budashira, na mwe nyene bantu bo mu muriro udahera! Murafise kubaho ubutagipfa ubuzima budashira". Mu nyuma rero Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaciye asoma iyi Aayah ati: {Ntumwa y’Imana! Gabisha abantu ku bihano vy’umusi wo kwicuza, igihe baciriwe urugororotse, urupfu rukazanwa mw’ishusho ry’intama inuze rugakererwa, maze abantu bagaheza bagatunganirizwa; abemeramana bakaja mu Bwami bw’ijuru, abagarariji na bo bakaja mu muriro; ivyo bizoba ukwo, mu gihe abantu kuri iyi si bagoswe mu kutumva igabisha ryawe} (Mar-yam: 39), abo rero ni bo bantu bagoswe kuri iyi si {gutyo bakareka kwemera no gukora ibikorwa vyiza bitegetswe} (Mar-yam: 39)"".
الترجمة
العربية English မြန်မာ Svenska Čeština ગુજરાતી Yorùbá Nederlands اردو Español Bahasa Indonesia ئۇيغۇرچە বাংলা Bosanski සිංහල हिन्दी Tiếng Việt Hausa മലയാളം తెలుగు Kiswahili پښتو অসমীয়া Shqip دری Ελληνικά Български Fulfulde ಕನ್ನಡ Кыргызча Lietuvių Română Kinyarwanda Српски тоҷикӣ O‘zbek नेपाली Moore Kurdî Wolof Soomaali Français Azərbaycan Tagalog Українська தமிழ் Bambara Deutsch ქართული Português Македонски Magyar فارسی Русский 中文 ភាសាខ្មែរ አማርኛ Malagasy Oromoo ไทย मराठी ਪੰਜਾਬੀ Türkçe Lingala Italiano Danskالشرح
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaratomoye mu kwerekana ko urupfu ruzozanwa ku musi w'izuka ruri mw'ishusho ry'impfizi y'intama inuze, ifise ibara ryera n'iryirabura, maze hace humvikana umuraritsi avuga ati: Bantu bo mu Bwami bw'ijuru! Na bo bace basumburuka beraguza barangamiza ngo barabe ijwi ry'umuraritsi iyo rizanana, wa muraritsi azoca ababaza ati: Mbega mwamenye iki ico ari co? bazoca bishura bati: "Ego cane twakimenye! Uru ni rwa rupfu"; kandi rero aho bose bazoba barwiboneye ukuri kwamye, barumenye, hanyuma wa muraritsi azorarika avuga ati: Emwe bantu bo mu muriro udahera! Na bo bace basumburukwa beraguza barangamiza ngo barabe ijwi ry'umuraritsi iyo rizanana; wa muraritsi azoca avuga ati: Mbega none mwamenye iki ico ari co? na bo bazoca bishura bati: "Ego cane twakimenye! Uru ni rwa rupfu"; kandi rero aho bose bazoba barwiboneye ukuri kwamye, barumenye; rwa rupfu ruzoca rukererwa, hanyuma wa muraritsi ace avuga ati: Bantu bo mu Bwami bw'ijuru! Nimwibereho ubuzima bw'abatagipfa kuko ata rupfu rukiriho; na mwe nyene bantu bo mu muriro udahera! Nimwibereho ubuzima bw'abatagipfa kuko urupfu rutakiriho. Ivyo rero bizogenda ukwo kugira inema z'abemeramana zongererezwe, no kugira ibihano vy'abagararizamana bibahashe. Mu nyuma rero, Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaciye asoma Aayah, aho Imana Allah Ivuga Iti: {Ntumwa y’Imana! Gabisha abantu ku bihano vy’umusi wo kwicuza, igihe baciriwe urugororotse, urupfu rukazanwa mw’ishusho ry’intama inuze rugakererwa, maze abantu bagaheza bagatunganirizwa; abemeramana bakaja mu Bwami bw’ijuru, abagarariji na bo bakaja mu muriro; ivyo bizoba ukwo, mu gihe abantu kuri iyi si bagoswe mu kutumva igabisha ryawe, gutyo bakareka kwemera no gukora ibikorwa vyiza bitegetswe} (Mar-yam: 39). Burya ku musi w'izuka, hazotandukanywa hagati y'abantu bo mu Bwami bw'ijuru n'abantu bo mu muriro udahera, maze bamwe bose binjire aho bagenewe, baheze babeyo ubuzima budashira. Ico gihe, umucumuzi azokwicuza kuko atabaye umugwaneza; n'uwutakoze ibishemeye azokwicuza kuko atashishikaye mu gukora ivyiza.فوائد الحديث
Iherezo ry'umuntu mu buzima bw'inyuma yo gupfa, rizoba ari mu Bwami bw'ijuru canke mu muriro udahera.
Ukwihaniza cane ku bijanye n'intureka zo ku musi w'izuka, n'uko uwo musi uzoba ari uw'umubabaro nta ngere n'ukwicuza.
Kwerekana akamwemwe kamaho k'abantu bo mu Bwami bw'ijuru, n'agahinda kamaho k'abantu bo mu muriro udahera.
