igihe kimwe Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ikintu, aca avuga ati: "Ico kintu kizoba igihe ubumenyi buzoba bugira bukurweho

igihe kimwe Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ikintu, aca avuga ati: "Ico kintu kizoba igihe ubumenyi buzoba bugira bukurweho

Mu vyakiriwe na Ziyaadi mwene Labiidi (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko igihe kimwe Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ikintu, aca avuga ati: "Ico kintu kizoba igihe ubumenyi buzoba bugira bukurweho", nca mvuga nti: "Ewe Ntumwa y'Imana! Ni gute ubumenyi buzokurwaho, kandi na twe tuguma dusoma Qor'ani twongera tunayigisha abana bacu, hanyuma abana bacu na bo nyene bakayigisha abana babo gushika ku musi w'umuhero w'isi!?". Yaciye yishura iti: "Ziyaadi, nyoko arakakubura! Nahora ndakubona nkaguharura mu bamenyi babushitse b'i Madina! Aho ga ntu, nturabona ko abayahudi n'abanaswara basoma Tawurati n'Injili, hanyuma ntihagire na kimwe mu birimwo bashira mu ngiro!?".

[صحيح لغيره] [رواه ابن ماجه]

الشرح

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) igihe kimwe yari yicaranye n'ingendanyi ziwe, maze avuga ati: Uwu ni wo mwanya ubumenyi buzokurwa bukava mu bantu. Ziyaadi mwene Labiidi (Imana Allah Imwishimire) aca aratangara maze abaza Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), maze avuga ati: Ni gute ubumenyi buzokurwaho bukagenda akagirire tukabubura, kandi twarasomye Qor'ani tukanayifata ku mutwe!? Ndarahiye kw'izina ry'Imana Allah! Ni ukuri dutegerezwa kuyisoma, ni ukuri dutegerezwa kuyigisha abakenyezi n'abana bacu, hamwe rero n'abuzukuru bacu. Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaciye avuga atangara ati: Ewe Ziyaadi, nyoko arakakubura! Yemwegaye, nahora ndaguharura mu bamenyi bo mu gisagara ca Madina! Mu nyuma rero (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaciye amusigurira ko ugukurwaho kw'ubumenyi, bidasigura kuba Qor'ani izoba itakiriho; ariko ko gukurwaho kw'ubumenyi, ari ukutabugendera ngo umuntu abushire mu ngiro. Ehe ng'iyo Tawurati hamwe n'Injili vyahawe abayahudi n'abanaswara; ariko rero hamwe n'uko babifise nta co bibamariye, eka n'ibirimwo nyene ntibabigendera ngo babishire mu ngiro.

فوائد الحديث

Kuba hariho Imisahafu (ya Qorani) hamwe n'ibitabu, abantu bafise mu minwe, nta co bimaze mu gihe badashize mu ngiro ibiri muri vyo.

Gukurwaho kw'ubumenyi bishika mu buryo bwinshi, muri bwo: Ni ugupfa kw'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), ugupfa kw'abamenyi, ukureka kugendera ubumenyi mu kubushira mu ngiro.

Biri mu bimenyetso vy'uko umuhero w'isi ugiye kugera, gukurwaho kw'ubumenyi no kureka kubushira mu ngiro.

Guhimiriza ishirwa mu ngiro ry'ubumenyi kuko ari ryo hangiro ryo kugira ubumenyi.