Nimwirinde gukora ibintu indwi bihonya bigatongora

Nimwirinde gukora ibintu indwi bihonya bigatongora

Harakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) inyigisho ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aho yavuze ati: "Nimwirinde gukora ibintu indwi bihonya bigatongora". Ingendanyi zari ng'aho ziraheza zibaza ziti: "Ewe Ntumwa y'Imana! Ivyo bintu indwi bihonya bigatongora, ni ibihe?". Intumwa y'Imana ica yishura iti: "Ni ibangikanyamana, ukuroga, ukwica umuntu kizira ko yicwa kiretse mu gihe hubahirijwe ukuri, ukurya inyungu izira (ribaa), ukurya n'ukwihagira amatungo y'impfuvyi, ukugenza umugongo ku rugamba umusi rwarese (rwakamvye), hamwe rero n'ugukorera inteba ishushe mu kwagiriza ubusambanyi abemeramanakazi bubatse izabo batigera biyumvira na rimwe gusambana"".

[صحيح] [متفق عليه]

الشرح

Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), ibwiriza abantu yarungitsweko kwigira kure y'ivyaha n'ibicumuro indwi bihonya. Imaze rero kubazwa ku vyerekeye ivyo bintu indwi ivyo ari vyo, yarishuye ibidondagura ko ari: Ica mbere: Ukubangikanya Imana Allah mu kuyigereranya n'ikindi kintu uko kiri kwose, maze kigatumberwa mu gishingo c'Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, mu gukorerwa kimwe mu bikorwa nyegerezamana, gutyo hagatangura ibangikanyamana risanzwe ari co caha rutura gusumba ivyaha vyose. Ica kabiri: Ukuroga. Ukwo na kwo, ni ugupfundika amapfundo, ugutongera, ugukoresha imiti n'umwotsi w'icotezo, bigatera ingaruka mbi mu mubiri w'uwarozwe mu gupfa (kumwica) canke mu kurwara (bikamutera indwara), canke mu kwahukanisha abubatse izabo. Ukuroga rero, ni igikorwa gikomoka kuri shetani, kandi kenshi na kenshi, umurozi ntashobora kuroga atabanje kubangikanya Imana Allah mu kwiyegereza ibihume mu mashetani, mu gutanga ikimazi ku vyo nya mashetani akunda. Ica gatatu: Ukwica ikiremwa gifise ubuzima Imana Allah Yaziririje ko cicwa kiretse mu gihe hari imvo ijanye n'amabwirizwa yayo (yemejwe na Yo), ingingo irekurira umutware ko yica nya kiremwa. Ica kane: Ukwihereza inyungu izira (ribaa) mu kuyifungura canke mu kuyikorako mu buryo ubwo ari bwo bwose. Ica gatanu: Ukurengera ku matungo y'impfuvyi mu kuyakoresha nabi. Impfuvyi, ni umwana yabuze se akiri muto ataragera mu bigero. Ica gatandatu: Uguhunga ku rugamba rwo guhangana n'abagarariji. Ic'indwi: Ukwagiriza ubusambanyi abakenyezi biyubaha bakiyubahiriza mu kudashurashura. Ni nk'uko nyene kizira kwagiriza abagabo (mu kubakorera inteba ishushe mu kubagiriza ubusambanyi).

فوائد الحديث

Ivyaha rutura, ntibigizwe gusa n'ivyaha indwi, ariko rero igenwa ry'ivyaha indwi, ni mu ntumbero yo kugaragaza ko ari vyo bibi cane kandi bihambaye kurusha ibindi.

Irekurirwa ryo kwica ikiremwa gifise ubuzima, mu gihe hubahirijwe ukuri; ni nko mu gihe hishwe uwishe, ukuva mw'idini (ukwiyonkora mw'idini), hamwe rero no kurenga ibigo mu nyuma y'aho umuntu amaze kwubaka urwiwe. Iki gihano gishirwa mu ngiro n'umucamanza ashinzwe iyubahirizwa ry'amabwirizwa y'ubwislamu.