إعدادات العرض
Jewe ndi Nyawikwije Azira ibangikanywa. Kubera ivyo, uwo wese agize ico akora akimbangikanijeko n'ikindi kintu, nca ndamurekera nya gikorwa nkamutererana n'ico yambangikanije
Jewe ndi Nyawikwije Azira ibangikanywa. Kubera ivyo, uwo wese agize ico akora akimbangikanijeko n'ikindi kintu, nca ndamurekera nya gikorwa nkamutererana n'ico yambangikanije
Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire), yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, Nyenimigisha-ntangere Yavuze Iti: Jewe ndi Nyawikwije Azira ibangikanywa. Kubera ivyo, uwo wese agize ico akora akimbangikanijeko n'ikindi kintu, nca ndamurekera nya gikorwa nkamutererana n'ico yambangikanije".
الترجمة
العربية বাংলা Bosanski English Español فارسی Français Bahasa Indonesia Tagalog Türkçe اردو 中文 हिन्दी ئۇيغۇرچە Kurdî Hausa Português മലയാളം తెలుగు Kiswahili မြန်မာ Deutsch 日本語 پښتو Tiếng Việt অসমীয়া Shqip Svenska Čeština ગુજરાતી አማርኛ Yorùbá Nederlands සිංහල தமிழ் ไทย دری Akan Azərbaycan Български Fulfulde Magyar Italiano ಕನ್ನಡ Кыргызча Lietuvių Malagasy नेपाली or Română Kinyarwanda тоҷикӣ O‘zbek Moore Wolof Oromoo bm Українська km Српски ქართული Македонски Русскийالشرح
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aratwiganira ko Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, Nyenimigisha-ntangere Yavuze ko ari Yo Nyawikwije Izira ibangikanywa; kuko ari Yo Yikenuye muri vyose, n'uko umuntu iyo agize igikorwa akora mu bikorwa nyumviramana (nyobokamana), maze akagikora ku bw'Imana Allah no ku bw'ikindi kintu kitari Yo, Ica Ireka kukimwakirira kikamugarukako (Ikanakimusubiza). Ni ngombwa rero ko haba izirikanagikorwa ku bw'Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, kuko Nyenukuninahazwa Atakira na kimwe mu bikorwa, kiretse icakoranywe izirikanamana (izirikanagikorwa ku bwayo).فوائد الحديث
Ukwihaniza ukihanikiriza (Ukwamirira kure) ibangikanyamana mu buryo ubwo ari bwo bwose ryokorwamwo, n'uko nya bangikanyamana ari inzitizi ry'iyakirwa ry'ibikorwa vy'umuntu ku Mana Allah.
Ukwiyumvamwo ko Imana Allah Yikwije muri vyose n'uko Ihambaye, ivyo bigatuma umuntu agira izirikanamana mu vyo akora vyose.