Burya Ubwami bw'ijuru, buri hafi cane y'umwe muri mwebwe kurusha umugozi w'ikirato yambaye. Kukaba nkako, n'umuriro udahera, ni ukwo nyene

Burya Ubwami bw'ijuru, buri hafi cane y'umwe muri mwebwe kurusha umugozi w'ikirato yambaye. Kukaba nkako, n'umuriro udahera, ni ukwo nyene

Mu vyakiriwe na Mwene Mas'uudi (Imana Allah Imwishimire), yavuze ati: "Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yavuze ati: "Burya Ubwami bw'ijuru, buri hafi cane y'umwe muri mwebwe kurusha umugozi w'ikirato yambaye. Kukaba nkako, n'umuriro udahera, ni ukwo nyene"".

الشرح

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), arigana mu kwerekana ko Ubwami bw'ijuru n'umuriro udahera, biri hafi cane y'umuntu nka kurya umugozi w'ikirato yambaye uri hafi yiwe. Ivyo bikabonekera mu kuba hari igihe umuntu akora igikorwa c'iyumviramana, maze Imana Allah Ikagishima, Ikakimuhembera Ubwami bw'ijuru; canke agakora icaha gituma yinjira mu muriro udahera.

فوائد الحديث

Gukundisha abantu ibikorwa vyiza n'aho vyoba bike; hamwe rero n'ukugabisha abantu gukora ibikorwa bibi n'aho vyoba ari bike.

Ni ngombwa rero ko umwislamu mu buzima bwiwe arangwa n'ukwizigira guhemberwa ivyiza akora hamwe n'ugutinya guhanirwa ivyaha akora, hamwe rero n'ugusaba Imana Allah igihe cose ko Yomutsimbataza ku kuri kugira arokoke ntahave anahendwa n'ivyo akora.