Mu vy'ukuri, mu vyahanahanwe n'abantu bakabitahura mu majambo y'ivugishwamana ryo kuva kera na rindi, ni uko iyo utagira isoni uheza ugakora ivyo ushatse

Mu vy'ukuri, mu vyahanahanwe n'abantu bakabitahura mu majambo y'ivugishwamana ryo kuva kera na rindi, ni uko iyo utagira isoni uheza ugakora ivyo ushatse

Mu vyakiriwe na Abu Mas'uudi (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ati: "Mu vy'ukuri, mu vyahanahanwe n'abantu bakabitahura mu majambo y'ivugishwamana ryo kuva kera na rindi, ni uko iyo utagira isoni uheza ugakora ivyo ushatse".

[صحيح] [رواه البخاري]

الشرح

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaratwiganiye ko mu vyakiriwe ku Bavugishwamana b'aho ha mbere, maze abantu bakabihanahana hagati yabo nk'iragi inyuma y'ikinjana ku kindi, gushika n'aho bishikira aba mbere mu bantu narungitsweko, n’uko woraba ukihweza neza ico ugomba gukora, ubonye nya kintu kiri mu bidateye isoni, ugaheza ukagikora; wabona kiri mu biteye isoni, ugashoka ukireka; kuko burya ikibuza umuntu gukora ibibi, ni ukuba afise isoni, uwudafise isoni rero nta co aba yinona, araheza akihebera ibibi vyose vy'agahomerabunwa.

فوائد الحديث

Ukugira isoni, ni umushinge w'imigenzo n'ingeso nziza.

Ukugira isoni, ni kimwe mu nyifato n'imigenzo vy'Abavugishwamana (ba nyakugira amahoro y'Imana Allah), kiri no mu vyabaranze, ni n'iragi baraze abo barungitsweko.

Ukugira isoni, ni co kintu gituma umwislamu akora ibintu vyiza kandi bibereye, akanareka gukora ibintu bibi biteye isoni (bimwambika urubwa).

Al-Nawawiy yavuze ati: "Iyi ngingo ijanye n'ibirekuwe gukorwa "ibaaha", bisigura ko ushatse gukora ikintu ubanza ukaraba ko kibereye, usanze kiri mu bidateye isoni ku Mana Allah, eka no ku bantu nyene igihe wogikora, ugaheza ukagikora; wasanga bitari ukwo naho, ukareka kugikora. Ubwislamu rero bugendera kuri iyi ngingo, ivyo bigasigura ko igitegetswe kiba ari ibwirizwa, ikibereye na co kikaba ari kirya (kimenyerewe) umuntu agira isoni iyo akiretse. Ikibujijwe na co kikaba ari kirya kizira, ikitabereye na co kikaba ari kirya umuntu agira isoni iyo agikoze; nayo ikirekuwe "mubaaha", umuntu kugira isoni iyo agikoze birarekuwe, ni nk'uko nyene kandi n'ukugikora. Iyi nyigisho y'intumwa rero, ihurikiyemwo amabwirizwa atanu. Hari n'abavuze ko iyi nyigisho irimwo ingingo yihaniza ku nkurikizi z'ivyo bintu, bisigura ko mu gihe utagira isoni, ukora ivyo ushatse; kuko Imana Allah Izoguhembera ivyo wakoze. Hari n'iyindi nsiguro yavuzwe ko iyi nyigisho irimwo ingingo ijanye n'uguhanura gusa, bisigura ko uwutagira isoni, akora ivyo yigombeye ata co yinona.

التصنيفات

Praiseworthy Morals