إعدادات العرض
Iyo muba mwishimikiza Imana Allah mu vyo mukora ukuri kw'ukuyishimikiza, ni ukuri Yobaronkeje ibibabeshaho bikwiye nka kurya Ironsa inyoni ibizibeshaho bikwiye, aho ubona zizinduka zikagenda zishonje zikagaruka zihaze, amabondo yafoye
Iyo muba mwishimikiza Imana Allah mu vyo mukora ukuri kw'ukuyishimikiza, ni ukuri Yobaronkeje ibibabeshaho bikwiye nka kurya Ironsa inyoni ibizibeshaho bikwiye, aho ubona zizinduka zikagenda zishonje zikagaruka zihaze, amabondo yafoye
Mu vyakiriwe na Omari mwene Al-Khattwaab I (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko yumvise Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) avuga ati: "Iyo muba mwishimikiza Imana Allah mu vyo mukora ukuri kw'ukuyishimikiza, ni ukuri Yobaronkeje ibibabeshaho bikwiye nka kurya Ironsa inyoni ibizibeshaho bikwiye, aho ubona zizinduka zikagenda zishonje zikagaruka zihaze, amabondo yafoye".
الترجمة
العربية বাংলা Bosanski English Español Français Bahasa Indonesia Русский Türkçe اردو 中文 हिन्दी Kurdî Hausa Português മലയാളം తెలుగు Kiswahili فارسی தமிழ் සිංහල မြန်မာ Deutsch 日本語 پښتو Tiếng Việt অসমীয়া Shqip Svenska Čeština ગુજરાતી Yorùbá Nederlands ئۇيغۇرچە دری Fulfulde Magyar ಕನ್ನಡ Кыргызча Lietuvių or Română Kinyarwanda Српски O‘zbek Moore नेपाली тоҷикӣ Oromoo Wolof Soomaali Български Українська Tagalog Azərbaycan ქართული Bambara Македонски Ελληνικά Akan ភាសាខ្មែរ አማርኛ Malagasy ไทย मराठी ਪੰਜਾਬੀ Lingala Italiano msالشرح
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) araduhimiriza ko twishimikiza Imana Allah Nyeniteka n'icubahiro nta ngere, mu kurondera ibidufitiye akamaro, no mu kwikingira ibitubangamiye mu vy'isi no mu bijanye n'idini; kuko ata wutanga canke ngo yime ikiremwa ikintu, eka nta n'uwugeramira canke ngo agire ico amariye ikiremwa atari Imana Allah Nyenukuninahazwa Nyenuguhabwicubahiro nta ngere; aranaduhimiriza kandi ko twita ku rutare mu gukora ibituma turonka ibitugirira akamaro n'ibidukingira ivyotubangamira, ivyo bigaheza bikajana n'ukwishimikiza koko Imana Allah, igihe cose rero dukoze ivyo, Imana Allah Iraheza Ikaturonsa ibitubeshaho nka kurya Ironsa ibibeshaho inyoni zigenda mu gitondo zishonje, hanyuma zikagaruka ku mugoroba zihaze, inda zafoye. Ukwo kuntu rero inyoni zibigenza, ni kimwe mu mpamvu z'ukurondera icozibeshaho, ata kurera amaboko ata n'ukunebwa birimwo.فوائد الحديث
Ivyiza vyo kwishimikiza Imana Allah, n'uko ari kimwe mu mvo zihambaye zituma haboneka ibibeshaho ikiremwa.
Ukwishimikiza Imana Allah, ntibiteye kubiri namba n'ugukora ibasabwa bijanye n'ukurondera; kuko Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ko ukwishimikiza Imana Allah vy'ukuri bidahushanye na gato n'ukuzinduka uja ku kivi kurondera icorirenza maze ukagaruka bugorovye.
Amabwirizwa y'ubwislamu aritwararika ibikorwa vy'umutima; kuko ukwishimikiza Imana Allah ari igikorwa c'umushaha.
Umuntu kwitwaza gusa imvo zijanye n'ukurondera icorirenza, ni agahaze mw'idini, eka n'ukureka gukora imvo z'ukurondera, ni ikehabwenge.
