إعدادات العرض
Uwuca ubuvandimwe, ntazopfa yinjiye mu Bwami bw'ijuru
Uwuca ubuvandimwe, ntazopfa yinjiye mu Bwami bw'ijuru
Mu vyakiriwe na Jubayri mwene Mutw'imu (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko yumvise Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) avuga ati: "Uwuca ubuvandimwe, ntazopfa yinjiye mu Bwami bw'ijuru".
[صحيح] [متفق عليه]
الترجمة
العربية বাংলা Bosanski English Español فارسی Français Indonesia Русский Tagalog Türkçe اردو 中文 हिन्दी Tiếng Việt Kurdî Hausa Português മലയാളം తెలుగు Kiswahili မြန်မာ Deutsch 日本語 پښتو অসমীয়া Shqip Svenska Čeština ગુજરાતી Yorùbá Nederlands ئۇيغۇرچە සිංහල தமிழ் دری Fulfulde Magyar ಕನ್ನಡ Кыргызча Lietuvių or Română Kinyarwanda Српски O‘zbek Moore नेपाली Wolof Soomaali Български Українська Azərbaycan ქართული тоҷикӣ Bambara Македонски Ελληνικά ភាសាខ្មែរ አማርኛ Malagasy Oromoo ไทย मराठी ਪੰਜਾਬੀ Lingala Italiano Yao kmrالشرح
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aratwiganira ko umuntu aciye ubuvandimwe mu kutubahiriza agateka k'abo basangiye amaraso, canke mu kubabangamira no kubagirira nabi, akwiye kutazokwinjira mu Bwami bw'ijuru.فوائد الحديث
Uguca ubuvandimwe, ni icaha mu vyaha rutura.
Ukwunga ubuvandimwe, kuba mu buryo bumenyerewe busanzwe buzwi, gutyo iyonga ry'ubwo buvandimwe rikagenda ritandukana hisunzwe ahantu, igihe n'abantu bungiwe nya buvandimwe.
Biri mu kwunga ubuvandimwe, kugenderanira, gutanga imperezwa, kugira ubugwaneza, gusuhuza abarwaye, kubwiriza abantu gukora ivyiza no kubabuza gukora ibibi, n'ibindi bitari ivyo.
Uko guca ubuvandimwe bibaye mu bahafi cane basangiye amaraso, ni ko n'icaha kiba kibi cane kurusha.
