إعدادات العرض
Mu vy'ukuri, biri mu bimenyetso bizokwibonekeza vyerekana ko umuhero w'isi ugiye gushika: ubumenyi nya bumenyi buzogenda amazimayongo, ubujuju bwake indaro (buzogwirirana), ubusambanyi buzokwiragira, ukunywa inzoga kuzogwirirana, abagabo bazokeha, abagore na bo bazogwirirana kugeza y'aho abagore…
Mu vy'ukuri, biri mu bimenyetso bizokwibonekeza vyerekana ko umuhero w'isi ugiye gushika: ubumenyi nya bumenyi buzogenda amazimayongo, ubujuju bwake indaro (buzogwirirana), ubusambanyi buzokwiragira, ukunywa inzoga kuzogwirirana, abagabo bazokeha, abagore na bo bazogwirirana kugeza y'aho abagore mirongo itanu bahagarikirwa n'umuhagarikizi umwe w'umugabo
Mu vyakiriwe na Anasi (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Ni ukuri, ngira ndabiganire inyigisho numvise ku Ntumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), nta n'uwundi n'umwe azoyibiganira atari jewe: Narumvise Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ivuga iti: "Mu vy'ukuri, biri mu bimenyetso bizokwibonekeza vyerekana ko umuhero w'isi ugiye gushika: ubumenyi nya bumenyi buzogenda amazimayongo, ubujuju bwake indaro (buzogwirirana), ubusambanyi buzokwiragira, ukunywa inzoga kuzogwirirana, abagabo bazokeha, abagore na bo bazogwirirana kugeza y'aho abagore mirongo itanu bahagarikirwa n'umuhagarikizi umwe w'umugabo"".
الترجمة
العربية English မြန်မာ Svenska Čeština ગુજરાતી Yorùbá Nederlands اردو Español Bahasa Indonesia ئۇيغۇرچە বাংলা Bosanski සිංහල हिन्दी Tiếng Việt Hausa മലയാളം తెలుగు Kiswahili پښتو অসমীয়া Shqip دری Ελληνικά Български Fulfulde ಕನ್ನಡ Кыргызча Lietuvių or Română Kinyarwanda Српски тоҷикӣ O‘zbek नेपाली Moore Kurdî Wolof Soomaali Français Azərbaycan Tagalog Українська Bambara தமிழ் ქართული Deutsch Português Македонски Magyar فارسی Русский 中文 ភាសាខ្មែរ Malagasy Oromoo ไทย मराठी ਪੰਜਾਬੀ Türkçe Lingala Italiano አማርኛ Danskالشرح
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaratomoye ko mu bimenyetso vyerekana ko umuhero w'isi ugiye kugera, ari uko ubumenyi bujanye n'amategeko y'ubwislamu buzovaho (buzorerurwa) mu gupfa kw'abamenyi babushitse, ivyo bikazotuma ubujuju bugwirirana mu bantu bwirare; icaha c'agahomerabunwa c'ubusambanyi kizosasirwa indava maze gikwiragire hose; ukunywa inzoga kuzogwirirana mu bantu; igitigiri c'abagabo kizogabanuka maze hagwire igitigiri c'abagore; gushika n'aho umugabo umwe ahagarikira abagore mirongo itanu mu kubabeshaho abaronsa ivyankenerwa mu buzima.فوائد الحديث
Kwerekana bimwe mu bimenyetso vyerekana ko umuhero w'isi uri mu kugera.
Ukumenya isango nyezina ry'umuhero w'isi, kiri mu bintu binyegejwe ibiremwa, Imana Allah Yiharije.
Ihimirizwa ry'ukurondera ubumenyi bw'idini imbere yuko bubura bukazimangana kw'isi.
