Haragahona abavugira ku nsya z'amenyo n'ubwishime hamwe n'ukudadika mu mvugo n'ingiro

Haragahona abavugira ku nsya z'amenyo n'ubwishime hamwe n'ukudadika mu mvugo n'ingiro

Mu vyakiriwe na Abdillaahi mwene Mas'uudi (Imana Allah Imwishimire), yavuze ati: "Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yavuze iti: "Haragahona abavugira ku nsya z'amenyo n'ubwishime hamwe n'ukudadika mu mvugo n'ingiro". Ivyo yabivuze ibisubiramwo incuro zitatu".

الشرح

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), arerekana uguteterwa n'agahombo, abavugira ku nsya z'amenyo n'ubwishime hamwe n'ukudadika mu mvugo n'ingiro bazogira; kuko batagendera ku burongozi n'ubumenyi bukwiye mw'idini, mu buzima bwo kw'isi, mu mvugo zibaranga no mu bikorwa bakora, gutyo bakarenga imbibe z'amategeko bazaniwe n'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah).

فوائد الحديث

Kuziririza idadika, n'umuntu kwihambirira ku vyo adashoboye, hamwe rero n'uguhimiriza kuvyirinda mu bintu vyose umuntu akora; na canecane mu bikorwa nyegerezamana no mu kwubaha n'ukwubahiriza aberanda.

Kurazwa ishinga no gukora ibitunganye mu bikorwa nyegerezamana no mu bindi bikorwa, ni ikintu ciza gishimwa; ivyo na vyo bigatungana mu gihe hakurikijwe amategeko y'idini.

Birabereye gushimangira mu kwitaho gukora igikorwa gihambaye kuruta ibindi; kuko Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yarashimangiye iryo jambo arivuga incuro zitatu.

KWEREKANA UBUTORE N'UBWOROHE MU MATEGEKO Y'UBWISLAMU