Uwo Imana Allah Ishakiye ivyiza Iraheza Ikamugerageza mu vyiwe no mu biwe

Uwo Imana Allah Ishakiye ivyiza Iraheza Ikamugerageza mu vyiwe no mu biwe

Mu vyakiriwe na Abu Hurayra (Imana Allah Imwishimire) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Uwo Imana Allah Ishakiye ivyiza Iraheza Ikamugerageza mu vyiwe no mu biwe".

[صحيح] [رواه البخاري]

الشرح

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aratwiganira ko Imana Allah iyo Ishakiye ivyiza umuja mu baja bayo b'abemeremana, Ishoka Imugerageza ku gatwe kiwe, Ikanamugerageza mu vyiwe no mu biwe, ivyo bigatuma umwemeramana agaruka ku Mana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, maze akayitura mu kuyisaba ayitakambira, agaheza rero akababarirwa ivyaha akanadugirizwa n'icubahiro.

فوائد الحديث

Kuba umwemeramana yoshikirwa n'ibigeragezo bitandukanye.

Igeragezwa hari igihe riba ikimenyetso c'urukundo rw'Imana Allah ku muja wayo; kugira Imudugirize icubahiro ku rugero rwo hejuru, Yongere Imubabarire ibicumuro vyiwe.

Ihimiriza ryo kwihangana mu gihe umuntu ashikiwe n'ibiza mu kudacika ivutu no mu kutihebura.

التصنيفات

Issues of Divine Decree and Fate