إعدادات العرض
Ni ukuri, umbajije ku kintu gihambaye, coroshe gukora ku wacoroherejwe n'Imana Allah
Ni ukuri, umbajije ku kintu gihambaye, coroshe gukora ku wacoroherejwe n'Imana Allah
Mu vyakiriwe na Mu'aadhi mwene Jabali (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Narigeze kuba ndi kumwe n'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ku rugendo, maze umusi umwe turiko turagenda mba ndi hafi cane yiwe, nca mvuga nti: "Ewe Ntumwa y'Imana! Mbwira igikorwa cotuma ninjira mu Bwami bw'ijuru kikanyigiza kure y'umuriro". Aca anyishura avuga ati: "Ni ukuri, umbajije ku kintu gihambaye, coroshe gukora ku wacoroherejwe n'Imana Allah: Ni uko wiyegereza ukanasenga Imana Allah utayibangikanya na kimwe mu biremwa; ugatsimbataza amasengesho-bwirizwa; ugatanga ishikanwa-bwirizwa; ugapfunga ukwezi kwa Ramadhani; ukanashengerera ingoro ntagatifu". Hanyuma yaciye ambwira ati: "Mbega none ndakwereke imiryango y'ivyiza bisa!? Ugupfunga, ni inkinzo ikingira umuntu umuriro, imperezwa na yo ihanagura igicumuro kigaherengetera nka kurya amazi azimya umuriro, hamwe rero n'isengesho ry'umuntu asenga mu gicugu". Mu'aadhi yavuze ati: "Hanyuma aca asoma Aayah ati: ﴾Baravyuka bakigira kure y’uburiri basenga mu gicugu ...﴿ (As-Sajda: 16) gushika kuri ﴾...ku vyiza bamye bakora kw’isi﴿ (As-Sajda: 17); mu nyuma aca avuga ati: "Mbega ndakwiganire umutwe wa vyose, inkingi yavyo hamwe n'isonga ry'ipfupfu ryavyo!?". Naciye nishura nti: "Ego cane Ntumwa y'Imana nyiganira!". Yaciye avuga ati: "Umutwe wa vyose ni ubwislamu, inkingi ya vyose na yo ni isengesho, isonga ry'ipfupfu rya vyo na ryo ni uguharanira idini ry'Imana Allah"; mu nyuma aca avuga ati: "Mbega none ndakwiganire ikigaba kikaganza ivyo vyose ndakwiganiye?", nanje nca mvuga nti: "Ego cane Muvugishwamana nyiganira!", araheza afata isonga ry'ururimi rwiwe aca avuga ati: "Gumya aka karimi". Nanje nca mvuga nitangaza nti: "Ewe Muvugishwamana! Burya ni ukuri, tuzohanirwa ivyo tuvuga?", aca avuga ati: "Mu'aadhi! Nyoko arakakubura! None burya hari ikizota abantu mu muriro bakazobanza mu maso habo canke bakagwira amazuru yabo, atari uguhanirwa ivyavuzwe n'akarimi kabo!"".
الترجمة
العربية Bosanski English Español فارسی Français Bahasa Indonesia Русский Türkçe اردو 中文 हिन्दी Hausa Kurdî Português සිංහල Nederlands অসমীয়া Tiếng Việt Kiswahili ગુજરાતી پښتو Română മലയാളം नेपाली Deutsch Кыргызча తెలుగు ქართული Moore Magyar Svenska Македонски ಕನ್ನಡ Українська አማርኛ Kinyarwanda Oromoo ไทย Lietuvių Српски Tagalog मराठी ਪੰਜਾਬੀ دری বাংলা Malagasy ភាសាខ្មែរ O‘zbek தமிழ் Azərbaycan Wolof Čeština тоҷикӣ ms Shqip kmrالشرح
Mu'aadhi (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: Narigeze kuba ndi kumwe n'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) ku rugendo, umusi umwe turiko turagenda mba ndi hafi yiwe, nca mvuga nti: Ewe Ntumwa y'Imana! Ndagusavye umbwire igikorwa cotuma ninjira mu Bwami bw'ijuru maze kikanyigiza kure y'umuriro; ica inyishura iti: Ni ukuri, umbajije ku gikorwa iyubahirizwa ryaco rihambaye kandi rigoye ku bantu, ni rito kandi ryoroshe ku waryoroherejwe n'Imana Allah; ubahiriza amabwirizwa y'ubwislamu: Ubwa mbere: ni uko wiyegereza Imana Allah mu kuyisenga ari Imwe Rudende utayibangikanya na kimwe mu biremwa. Ubwa kabiri: ni uko utsimbataza amasengesho atanu abwirijwe gusengwa ku musi (ku murango n'ijoro): isengesho ryo mu mutwenzi, iryo ku musase, iryo ku muhingamo, iryo ku kirengazuba, hamwe rero n'iryo ku mugoroba (ku kazange), maze uyasenge wubahiriza ibisabwa vyayo, inkingi zayo, hamwe n'ibitegetswe. Ubwa gatatu: ni uko utanga ishikanwa-bwirizwa, na ryo rikaba ari igikorwa nyegerezamana gitegetswe cerekeye itangwa ry'amwe mu matungo akwije urugero-fatiro (niswaabu) rugenwa n'amategeko y'ubwislamu, Iryo shikanwa riherezwa abo ryagenewe. Ubwa kane: ni uko upfunga ukwezi kwa Ramadhani. Ugupfunga, ni ukureka kurya no kunywa n'ibindi bituma umuntu afungura, bijana n'ukugira izirikanagikorwa ry'ishira mu ngiro ibikorwa nyegerezamana, kuva umutwezi ukitse gushika izuba rirenge. Ubwa gatanu: ni uko uja gushengerera ingoro ntagatifu iri i Makka mu ntumbero yo gutunganya imigirwa y'ishengerera, rikorwa ku bw'Imana Allah. Mu nyuma rero (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaciye avuga ati: Mbega Mu'aa! Ndakwereke inzira igushikana ku miryango y'ivyiza?, iyo nzira ikaba igizwe n'ibikorwa nyegerezamana vy'inyongera ukurikiza ayo mabwirizwa: Ica mbere: ni ipfunga ryo kwitonesha. Iryo pfunga rikingira umuntu kugwa mu vyaha kuko rica ibishobisho vy'ukwipfuza (shah-wa), rikanaca intege z'ugutandukira ibizira. Ica kabiri: ni imperezwa (isadaka), na yo ikaba ihanagura igicumuro inyuma y'ukugikora, igaherengeteza n'inkurikizi zaco. Ica gatatu: ni isengesho risengwa mu c'agatatu gihereza ijoro (mu gicugu), hanyuma (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaciye asoma Aayah, aho Imana Allah Ivuga Iti: ﴾Baravyuka bakigira kure y’uburiri basenga mu gicugu﴿, bisigura kuvyuka bakava ku busaswa kugira basenge, ﴾basaba Imana yabo Rurema Allah﴿, bisigura ko bayisaba mu gusenga, mu kuyitazira bayininahaza, mu gusoma Qor'ani bongera banayisaba ibisabisho, inyo bakabikora ﴾ku gutinya ibihano vyayo, baziga n’indishi kuri Yo; no mu vyo Twabaronkeje, baratanga mu bikorwa vy’igamburukiramana. Nta muntu n’umwe rero azi ivyategekanirijwe abemeramana mu vyiza biri aho vy'akaroruhore, biryoheye ijisho bikeza n’umutima﴿, bisugura ko ari ivyiza n'indishi vyabategekanirijwe ku musi w'izuka, n'inema zamaho bazosanga mu Bwami bw'ijiri, ﴾Iyo, ni yo ndishi ku vyiza bamye bakora kw’isi﴿. Hanyuma (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze ati: Mbega ndakwiganire umushinge w'idini, inkingi yaryo rishingiyeko, hamwe n'isonga ry'ipfupfu ry'idini!? Maze Mu'aadhi aca avuga ati: Ego cane Ntumwa y'Imana, binyiganire! Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aca avuga ati: Umutwe n'umushinge w'idini, ni ubwislamu, na bwo bukaba bushingiye ku kwemera n'ukwemanga ibintu bibiri (ukwemera Imana Allah hamwe n'intumwa yayo), ivyo rero bikaba ari na vyo umuntu yatura akwubakirako idini. Inkingi y'idini ryubakiyeko na yo ikaba ari isengesho, burya nta bwislamu bw'uwutagira isengesho, nka kurya ata nzu itagira inkingi iyifashe, uwusenze rero idini ryiwe riraheza rigakomera rikaniyongera; isonga ry'ipfupfu ryayo na ryo rikaba ari uguharanira idini ry'Imana Allah "jihaadi" mu ntumbero yo kugira ngo ijambo ry'Imana Allah riganze hejuru y'ibindi vyose. Hanyuma (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaciye avuga ati: Mbega none ndakwiganire ikigaba kikaganza ivyo vyose ndakwiganiye? Araheza afata isonga ry'ururimi rwiwe aca avuga ati: Irinde aka karimi, ntugahirahire ngo uvuge namba ibitakuraba. Mu'aadhi yaciye avuga yitangaza ati: Burya ni ukuri, tuzohanirwa ivyo tuvuga ku buryo Imana yacu Rurema Izoduharurira maze Ikaduhanira ivyo tuvuga!? Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaciye avuga ati: Mu'aadhi! Nyoko arakakubura niwaba ata vyo wari uzi. Iri jambo ntiyarivuze mu nsiguro yo kumusabira nabi ku Mana Allah, ahubwo ni ijambo rikereshwa n'Abarabu bashaka kwerekana ko ikintu gihambaye, umuntu yategerezwa kuba akizi. Mu nyuma aca amubwira ati: None burya hari ikizotuma abantu batabwa mu muriro bagakororerwamwo babanje mumaso (canke bakagwira amazuru yabo), atari umwimbu w'ivyavuzwe n'akarimi kabo mu kugarariza Imana Allah, mu kwagiriza umuntu icaha c'ubusambanyi atagize akora, mu gutuka abandi, mu kwandaga abantu, mu guteranya uyu n'uriya hamwe rero no kuremeka umuntu inteba ishushe mu kumubeshera ivy'agacamutwe, n'ibindi nk'ivyo.فوائد الحديث
Umwitwarariko w'ingendanyi (Imana Allah Izishimire) wo kurondera ubumenyi, ni kuri iyo mvo zakunda kubaza kenshi Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah).
Ubumenyi bw'ingendanyi (Imana Allah Izishimire) mu bijanye n'idini; kuko zari zizi ko Ugukora ibikorwa vyiza, ari co kizotuma umuntu yinjira mu Bwami bw'ijuru.
Ikibazo cabajijwe na Mu'aadhi (Imana Allah Imwishimire), ni ikibazo gihamabye; kuko mu vy'ukuri ari ryo banga ry'ubuzima n'ukubaho kw'ibiremwa, burya ikiremwa cose kiri kuri iyi si muri Bene Adamu canke mu Majini, impera n'imperuka iherezo ryaco rizoba ari mu Bwami bw'ijuru canke mu muriro udahera, ni kuri iyo mvo rero ico kibazo gihambaye.
Ukwinjira mu Bwami bw'ijuru, gushingiye ku gutunganya inkingi ziatnu z'ubwislamu, na zo zikaba ari: ukwemera n'ukwemanga ibintu bibiri, ugutsimbataza isengesho, ugutanga ishikanwa-bwirizwa, ugupfunga (ukwezi kwa Ramadhani) hamwe rero n'ugushengerera ingoto ntagatifu iri i Makka.
Umutwe n'umushinge w'idini, igifise agaciro nta ngere kiza hajuru y'ayandi mabwirizwa, ni ukwemera Imana Imwe Rudende Allah mu kuyitura ibikorwa nyegerezamana vyose n'ukuyisenga Yo yonyene ata kuyibangikanya na kimwe mu biremwa.
Impuhwe z'Imana Allah ku biremwa vyayo, mu kuba Yarabugururiye imiryango y'ivyiza kugira barushirizeho gukora ibituma baronka indishi bakanababarirwa ivyaha.
Ivyiza biri mu kwiyegereza ku Mana Allah mu gukora ibikorwa nyegerezaamana vy'inyongera "nawaafilu" inyuma y'itunganywa ry'ibikorwa nyegerezamana bitegetswe "faraa-idwu".
Isengesho mu bwislamu, rifise ikibanza gihambaye nk'ic'ikingi ishingiyeko ihema, ubwislamu rero buraheza bukagenda akagirire iyo nya nkingi ibuze; nka kurya nyene ihema isenyuka ikagwa iyo inkingi iyifashe ihenutse.
Ni ngombwa gucungera akarimi mu kutagakoresha mu bigeramira umuntu mw'idini ryiwe.
Ukugumya akarimi mu kuvuga ibitumbereye no kutakarekura mu bidatumbereye, ni wo mushinge w'ivyiza vyose.
