إعدادات العرض
Mu vy'ukuri, ni ukuri ibirekuwe birazwi mw'idini biranatomoye; kandi ni ukuri n'ibizira birazwi biranatomoye
Mu vy'ukuri, ni ukuri ibirekuwe birazwi mw'idini biranatomoye; kandi ni ukuri n'ibizira birazwi biranatomoye
Mu vyashikirijwe na Al-Nu'maanu mwene Bashiiru (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Narumvise Intumwa (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) iriko iravuga - maze Al-Nu'maanu aca azibira amatwi yiwe n'intoke - ivuga iti: "Mu vy'ukuri, ni ukuri ibirekuwe birazwi mw'idini biranatomoye; kandi ni ukuri n'ibizira birazwi biranatomoye. Ariko rero n'uko biri ukwo, hagati y'ibi na biriya hari ibintu biteye amazinda, ndetse abenshi mu bantu ntibazi ingingo zivyerekeye. Kubera ivyo rero, uwuzokwirinda kugwa mu biteye amazinda, azoba akingiye idini ryiwe n'icubahiro ciwe; nayo uwuzogwa mu biteye amazinda, azoba aguye mu bizira; nka kurya kw'umwungere aragiriye ku nkengera y'itongo rikingiwe ritavogerwa, ahakwa kwonesha muri nya tongo. Enda rero bantu nimwumve mwumvireho! Ni ukuri, burya umwami wese aba afise itongo rikingiwe ritavogerwa. Bantu nimwumve mwumvireho! Ni ukuri, burya itongo ry'Imana Allah rikingiwe ritavogerwa, ni birya bizira Yaziririje. Bantu nimwumve mwumvireho! Ni ukuri, burya mu mubiri w'umuntu harimwo igihimba c'inyama, iyo gitunganye umubiri wose uraheza ugatungana; iyo naho cononekaye, umubiri wose uraheza ukononekara. Bantu nimwumve mwumvireho! Ico gihimba c'inyama si ikindi, ni umutima".
الترجمة
العربية বাংলা Bosanski English Español فارسی Français Bahasa Indonesia Русский Tagalog Türkçe اردو 中文 हिन्दी ئۇيغۇرچە Kurdî Hausa Português മലയാളം తెలుగు Kiswahili မြန်မာ Deutsch 日本語 پښتو Tiếng Việt অসমীয়া Shqip Svenska Čeština ગુજરાતી Yorùbá Nederlands සිංහල தமிழ் دری Fulfulde Magyar ಕನ್ನಡ Кыргызча Lietuvių or Română Kinyarwanda Српски тоҷикӣ O‘zbek Moore नेपाली Oromoo Wolof Soomaali Български Українська Azərbaycan Bambara ქართული Македонски Ελληνικά ភាសាខ្មែរ Akan አማርኛ Italiano Malagasy ไทย मराठी ਪੰਜਾਬੀ Lingala ms kmrالشرح
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aratomora ingingo rusangi yisungwa ku bintu, arerekana n'uko mu mabwirizwa y'ubwislamu ibintu biri mu mice itatu: ibirekuwe mw'idini bitomoye, ibizira mw'idini bitomoye hamwe rero n'ibindi bintu biteye amazinda mu kuba ingingo ivyerekeye idatomokeye bose; ko ari ibirekuwe canke bizira. Akenshi rero, ni uko abenshi mu bantu badatomokerwa n'ingingo ivyerekeye. Umuntu rero aretse gukora ibintu biteye amazinda, aba akingiye idini ryiwe mu kwigira kure ivyo vyose vyotuma agwa mu bizira; bitayeko, n'icubahiro ciwe aba agikingiye mu kutavugwa nabi n'abantu bamunebagura ku biteye amazinda yakoze mw'idini. Nayo uwutirinze gukora ibiteye amazinda mw'idini, aba yikwegeye; kimwe, agwa mu bizira canke agatakaza icubahiro ciwe mu kunebagurwa n'abantu. Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaraciriye abantu agace mu gutanga akarorero, yerekana iherezo ry'umuntu aguye mu biteye amazinda mw'idini, ko ari nk'umwungere aragiriye intungwa yiwe ku nkengera y'ubwatsi buri mw'itongo ryashingiwe akarimbi (rikingiwe mu kutavogerwa), umwanya uwo ari wo wose intungwa ziwe zirashobora kwona ubwatsi buri muri nya tongo kuko zirisha ku nkengera yaryo. Ni nk'uko nyene rero, uwukora ibiteye amazinda mw'idini, ahakwa kugwa mu bizira kuko ari hafi cane yavyo. Mu nyuma y'aho, Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaratomoye mu kwerekana ko mu mubiri w'umuntu harimwo ikimanyu c'inyama (na co kikaba ari umutima), umubiri uheza ugatungana iyo nya kimanyu gitunganye, canke ugaheza ukononekara iyo nya kimanyu cononekaye.فوائد الحديث
Guhimiriza no gukundisha abantu kureka gukora ibiteye amazinda mw'idini, ari na vyo ingingo yavyo iba idatomoye.
