إعدادات العرض
Iyo abantu baba bahabwa uburenganzira bwo gucirirwa imanza hisunzwe ivyo bashikirije mu kwitwara, ni ukuri abantu bokwitwariye abandi basaba guhabwa amatungo yabo, no kwihorera mu gusesa amaraso yabo, ariko rero nyabuna icisungwa mu guca imanza, ni uwitwaye gushikiriza icemezo ku vyo yagiriza…
Iyo abantu baba bahabwa uburenganzira bwo gucirirwa imanza hisunzwe ivyo bashikirije mu kwitwara, ni ukuri abantu bokwitwariye abandi basaba guhabwa amatungo yabo, no kwihorera mu gusesa amaraso yabo, ariko rero nyabuna icisungwa mu guca imanza, ni uwitwaye gushikiriza icemezo ku vyo yagiriza uwitwariwe, n'irahizwa ry'uwitwariwe rero mu gihe hatabonetse icagiriji, maze agahakana ivyo yagirizwa
Mu vyakiriwe na Mwene Abbaasi (Imana Allah Ibishimire pombi), ni uko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Iyo abantu baba bahabwa uburenganzira bwo gucirirwa imanza hisunzwe ivyo bashikirije mu kwitwara, ni ukuri abantu bokwitwariye abandi basaba guhabwa amatungo yabo, no kwihorera mu gusesa amaraso yabo, ariko rero nyabuna icisungwa mu guca imanza, ni uwitwaye gushikiriza icemezo ku vyo yagiriza uwitwariwe, n'irahizwa ry'uwitwariwe rero mu gihe hatabonetse icagiriji, maze agahakana ivyo yagirizwa".
الترجمة
العربية বাংলা Bosanski English Español Français Bahasa Indonesia Русский Türkçe اردو 中文 हिन्दी ئۇيغۇرچە Hausa Kurdî Português සිංහල অসমীয়া Kiswahili Tagalog Tiếng Việt ગુજરાતી Nederlands پښتو नेपाली മലയാളം Svenska Кыргызча Română ಕನ್ನಡ Српски తెలుగు فارسی ქართული Moore Magyar Македонски Čeština Kinyarwanda Українська Lietuvių Wolof Azərbaycan Malagasy ไทย मराठी ਪੰਜਾਬੀ دری አማርኛ ភាសាខ្មែរ O‘zbek தமிழ் Oromoo ms тоҷикӣ Shqip Deutsch kmrالشرح
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yaratomoye ko iyaba abantu bahabwa ivyo basaba mu butungane mu kwitwara gusa ata vyemezo n'ivyagiriji barinze gusabwa, ni ukuri abantu bokwitwariye abandi basaba gukomorerwa amatungo yabo no kubihorera mu gusesa amaraso yabo bakicwa, ariko rero icisungwa nyabuna, ni uko ari ngombwa ko uwitwaye ashikiriza icagiriji n'icemezo ku vyo asaba mu butungane; iyo naho ata cagiriji ashikirije cemeza ivyo asaba ubutungane, uwitwariwe aca abazwa ko ivyo yagirijwe avyemera; iyo abihakanye, aca asabwa kurahira ahakana ko ata na kimwe mu vyo yagirijwe kimwagira, gutyo akiyeza imbere y'ubutungane.فوائد الحديث
Ibnu Daqiiqi Al-I'iidi yavuze ati: "Iyi nyigisho y'intumwa, ni umushinge mu mishinge y'amategeko, ni na bwo bwikoro bwisungwa mu gufata ingingo igihe habaye uguhazana n'ukutumvikana hagati y'abatase".
Amabwirizwa y'ubwislamu yaje kugira akingire amatungo y'abantu ntavogerwe, n'amaraso yabo ntaseseke mu gihe habaye ukutitwararika utwa murundi.
Umucamanza ntashikiriza ingingo yisunze ivyo azi, ariko ayishikiriza yisunze ivyagiriji n'ivyemezo bigaragara.
Uwo ari we wese yitwaye mu gushikiriza imburano zitagira ivyagiriji bizemeza, nya mburano ziraheza zigasubizwa inyuma; zaba ari imburano zerekeye agateka k'umuntu, canke imirimo ya misiyose mu buzima, canke zikaba zerekeye ibijanye n'ukwemera n'ubumenyi.
