mu vy'ukuri ata na rimwe yigeze asaba Imana Allah avuga ati: "Mana yanje Rurema! Ndagusavye Uzombabarire ivyaha vyanje ku musi w'impera

mu vy'ukuri ata na rimwe yigeze asaba Imana Allah avuga ati: "Mana yanje Rurema! Ndagusavye Uzombabarire ivyaha vyanje ku musi w'impera

Mu vyakiriwe na Aisha (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: Navuze mbwira Intumwa y'Imana nti: "Ewe Ntumwa y'Imana! Mwene Jud'aani, imbere y'umuzo w'ubwislamu yahora yunga ubuvandimwe, akanafungurira abakene, mbega none ivyo yakoze hari ico bizomumarira? Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze yishura iti: "Ihibambewe! Nta co bizomumarira, kuko mu vy'ukuri ata na rimwe yigeze asaba Imana Allah avuga ati: "Mana yanje Rurema! Ndagusavye Uzombabarire ivyaha vyanje ku musi w'impera""".

[صحيح] [رواه مسلم]

الشرح

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yariganiye abari aho ku vyerekeye Abdillahi mwene Jud'aani, akaba yari umwe mu batware b'Abakorayishi imbere y'umuzo w'ubwislamu. Mu bikorwa vyiza rero vyamuranze, ni uko yitwararika kwunga ubuvandimwe mu gufasha abo mu muryango wiwe ku bugwaneza, akanafungurira abakene, yaranakora n'ibindi bikorwa vyiza ubwislamu bwahimirije ko vyokorwa. Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yariganye rero ko ivyo bikorwa ata co bizomumarira mu buzima bw'inyuma yo gupfa; kubera ubugarariji bwiwe bwo kutemera Imana Allah, n'uko ata na rimwe yigeze asaba ngo avuge ati: "Mana yanje Rurema! Ndagusavye Uzombabarire ku musi w'impera ivyaha vyanje".

فوائد الحديث

Kwerekana akamaro k'ukwemera, n'uko ari ikintu gisabwa kugira ibikorwa vyakirwe.

Kwerekana ububi bw'igararizamana, n'uko buri mu bituma ibikorwa vyiza bitegetswe umuntu akora bicika impfagusa.

Abagararizamana, ibikorwa vyiza bakora nta co bizobamarira mu buzima bw'inyuma yo gupfa, bitewe n'ukutemera Imana Allah hamwe n'umusi w'iherezo.

Ibikorwa vy'umuntu yakoze akiri mw'igararizamana, aravyandikirwa akanabihemberwa iyo yinjiye ubwislamu.