إعدادات العرض
Umuntu niyakunda mwenewabo araheza amubwire ko amukunda
Umuntu niyakunda mwenewabo araheza amubwire ko amukunda
Vyarakiriwe na Al-Miqdaam mwene Ma'dii Karib (Imana Allah Imwishimire), ko yakiriye ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aho avuga ati: "Umuntu niyakunda mwenewabo araheza amubwire ko amukunda".
[صحيح] [رواه الترمذي - رواه النسائي - رواه أبو داود - رواه أحمد]
الترجمة
العربية বাংলা Bosanski English Español فارسی Français Bahasa Indonesia Русский Tagalog Türkçe اردو 中文 हिन्दी Tiếng Việt Kurdî Hausa Português മലയാളം తెలుగు Kiswahili မြန်မာ Deutsch 日本語 پښتو অসমীয়া Shqip Svenska Čeština ગુજરાતી አማርኛ Yorùbá Nederlands ئۇيغۇرچە සිංහල தமிழ் ไทย دری Akan Azərbaycan Български Fulfulde Magyar Italiano ಕನ್ನಡ Кыргызча Lietuvių Malagasy नेपाली or Română Kinyarwanda тоҷикӣ O‘zbek Moore Wolof Oromoo Српски Soomaali bm Українськаالشرح
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), arasigura imwe mu mvo zikomeza ubucuti buri hagati y'abemeramana, zikanatsimbataza mu gusasagaza urukundo ruri hagati yabo, na yo ikaba ari uko iyo umuntu akunze mwenewabo, aheza akamubwira ko amukunda.فوائد الحديث
Ivyiza vy'urukundo ruba hagati y'abantu ku bw'Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, atari ku bw'ivy'isi bibahuza.
Birabereye kubwira uwo ukunda ku bw'Imana Allah ko umukunda; kuko vyongerereza urukundo n'ukwiyumvanamwo hagati y'abantu.
Gusasagaza urukundo hagati y'abemeramana, bikomeza ubuvandimwe bushingiye ku kwemera, bikanakingira abantu ivangurana n'ukwicamwo ubunywenywe.