Umuntu niyakunda mwenewabo araheza amubwire ko amukunda

Umuntu niyakunda mwenewabo araheza amubwire ko amukunda

Vyarakiriwe na Al-Miqdaam mwene Ma'dii Karib (Imana Allah Imwishimire), ko yakiriye ku Muvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aho avuga ati: "Umuntu niyakunda mwenewabo araheza amubwire ko amukunda".

[صحيح] [رواه الترمذي - رواه النسائي - رواه أبو داود - رواه أحمد]

الشرح

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), arasigura imwe mu mvo zikomeza ubucuti buri hagati y'abemeramana, zikanatsimbataza mu gusasagaza urukundo ruri hagati yabo, na yo ikaba ari uko iyo umuntu akunze mwenewabo, aheza akamubwira ko amukunda.

فوائد الحديث

Ivyiza vy'urukundo ruba hagati y'abantu ku bw'Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, atari ku bw'ivy'isi bibahuza.

Birabereye kubwira uwo ukunda ku bw'Imana Allah ko umukunda; kuko vyongerereza urukundo n'ukwiyumvanamwo hagati y'abantu.

Gusasagaza urukundo hagati y'abemeramana, bikomeza ubuvandimwe bushingiye ku kwemera, bikanakingira abantu ivangurana n'ukwicamwo ubunywenywe.