Mu vy'ukuri, jewe ndiyejeje ku Mana Allah kuba nogira umukunzi nkoramutima muri mwebwe, kuko mu vy'ukuri Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Yangize umukunzi nkoramutima wayo; nka kurya Yagize Ibrahimu umukunzi nkoramutima wayo

Mu vy'ukuri, jewe ndiyejeje ku Mana Allah kuba nogira umukunzi nkoramutima muri mwebwe, kuko mu vy'ukuri Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Yangize umukunzi nkoramutima wayo; nka kurya Yagize Ibrahimu umukunzi nkoramutima wayo

Mu vyakiriwe na Jundubu (Imana Allah Imwishimire), yavuze ati: "Narumvise Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), hasigaye amajoro atanu ngo ahwere (imbere yuko ahwera ku majoro atanu), ariko aravuga ati: " Mu vy'ukuri, jewe ndiyejeje ku Mana Allah kuba nogira umukunzi nkoramutima muri mwebwe, kuko mu vy'ukuri Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Yangize umukunzi nkoramutima wayo; nka kurya Yagize Ibrahimu umukunzi nkoramutima wayo; iyo rero nza kuba nogira umukunzi nkoramutima mu bo narungitsweko, nari kugira Abu Bakari umukunzi nkoramutima wanje. Bantu! Nimwumve mwumvireho, mu vy'ukuri mu bantu bo hambere yanyu, harabayemwo abagira imva z'Abavugishwamana babo n'iz'aberanda muri bo, kuba imisigiti. Bantu! Nimwumve mwumvireho, ntimukagire imva kuba imisigiti, n'ukuri jewe ndabibihanikirije (ndabibabujije)"".

الشرح

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yarerekanye icubahiro ciwe afise ku Mana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, yaranerekanye n'uko nya cubahiro yahawe kiri ku rugero rw'urukundo rwo hejuru cane; nka kurya Ibrahimu (nyakugira amahoro y'Imana Allah) yahawe nya cubahiro, ni na co gituma yahakanye kuba yogira uwundi mukunzi nkoramutima atari Imana Allah; kuko umushaha wiwe wuzuye urukundo rwayo Yo Nyenuguhabwicubahiro nta ngere, wuzuye n'icubahiro hamwe n'ukuyimenya bikwiye ku buryo ata rukundo rw'ikindi kitari Imana Allah rworonka aho rukwirwa; iyo rero aza kugira umukunzi nkoramutima mu biremwa, yari kuba ari Abu Bakari Al-Swiddiiq (Imana Allah Imwishimire). Hanyuma yarihanije irihanikiriza kurenza urugero rwo gukunda kurekuwe nka kurya abayahudi n'abanaswara babigenjeje ku vyerekeye imva z'Abavugishwamana n'iz'aberanda muri bo, ku buryo bahavuye bagira nya mva ibigirwamana bibangikanywa n'Imana Allah mu gusengwa, baraheza bubaka kuri nya mva imisigiti n'amasengero. Ni kuri iyo mvo rero, Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), yabujije abantu yarungitsweko ko bokwigenza nk'abayahudi n'abanaswara mu gukora ivyotuma bagwa mw'ibangikanyamana.

فوائد الحديث

Icubahiro ca Abu Bakari Al-Swiddiiq (Imana Allah Imwishimire), ni uko yari yubashwe cane kurusha izindi ngendanyi, ni n'uko ari we yari akwiye gukorera mu ngata Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) inyuma yo gupfa, mu kurongora abantu.

Ukwubaka imisigiti ku mva, kiri mu vyari bibujijwe no ku bantu bo hambere.

Ibuzwa ryo kugira imva ahantu hokorerwa ibikorwa nyegerezamana; nko kuhasengera canke kuhagira ubutumbero bwo gusenga, kuhubaka imisigiti canke iminara y'ivyibutso, ivyo vyose rero bikaba bibujijwe mu ntumbero yo kwamirira kure no kuzitira ivyotuma abantu bagwa mw'ibangikanyamana.

Ukwamirira kure (ukwiyamiriza) urukundo ndenzarugero ku beranda kuko rwotuma hibonekeza ibangikanyamana.

Ukwerekana ububi bw'ivyiyamirijwe bikamirirwa kure n'Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah); ku buryo yashimangiye ibuzwa ryavyo amajoro atanu imbere yuko ahwera.