Nategetswe ko ndwanya abantu gushika bemeye bakemanga ko ata mana ibwirijwe gusengwa vy'ukuri atari Imana Imwe Rudende Allah, n'uko Muhamadi ari Intumwa y'Imana Allah, baheze rero batsimbataze isengesho, banatange n'ishikanwa-bwirizwa

Nategetswe ko ndwanya abantu gushika bemeye bakemanga ko ata mana ibwirijwe gusengwa vy'ukuri atari Imana Imwe Rudende Allah, n'uko Muhamadi ari Intumwa y'Imana Allah, baheze rero batsimbataze isengesho, banatange n'ishikanwa-bwirizwa

Mu vyakiriwe na Mwene Omari (Imana Allah Ibishimire bompi) yavuze ko Intumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yavuze iti: "Nategetswe ko ndwanya abantu gushika bemeye bakemanga ko ata mana ibwirijwe gusengwa vy'ukuri atari Imana Imwe Rudende Allah, n'uko Muhamadi ari Intumwa y'Imana Allah, baheze rero batsimbataze isengesho, banatange n'ishikanwa-bwirizwa". Nibaramuka bakoze ivyo rero, bazoba bakingiye ubuzima bwabo hamwe n'amatungo yabo; kiretse gusa ku gateka k'ubwislamu bategerezwa kwubahiriza, ahasigaye iharurwa ryabo ku vyo bakoze rikazoba ku Mana Allah".

[صحيح] [متفق عليه]

الشرح

Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aravuga mu vy'ukuri ko Imana Allah Yamutegetse kurwanya ababangikanyamana gushika bemere bemange ko ata mana ikwiye gusengwa vy'ukuri atari Imana Imwe Rudende Allah Yonyene ata na kimwe kibangikanijwe na Yo mu gusengwa, baheze bemere bemanga n'uko Muhamadi (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) yarungikanywe ubutumwa buvuye kwa Allah, baheze bashire mu ngiro ibisabwa n'ukwo kwemera, mu gutsimbataza amasengesho atanu ku musi (ijoro n'umurango), banatange ishikanwa-bwirizwa mu kurihereza abarigenewe. Mu gihe rero boramuka bagize ivyo, ubwislamu buzotuma amaraso yabo akingirwa ntaseseke; amatungo yabo na yo akingirwe ntavogerwe, ku buryo ata wurekuriwe kwicwa kiretse mu gihe akoze icaha gihanishwa ukwicwa hisunzwe amategeko y'ubwislamu, hanyuma ku musi w'izuka, Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Izoheza Ibatunganirize iharurirwa ryabo ku vyo Isanzwe Izi neza mu vyo bakoze mw'ibanga.

فوائد الحديث

Ishirwa mu ngiro ry'amategeko ryisunga ibigaragara, Imana Allah na Yo Ikazotunganiriza ibiremwa Ifatiye ku vyo bakoze mw'ibanga.

Akamaro ko kurarikira abantu ko bemera Imana Imwe Rudende Allah, n'uko ari co kintu umuntu yoherako mw'irarikiramana.

Iyi nyigisho y'intumwa, ntifise insiguro yo guhatira ababangikanyamana ku kwinjira mu bwislamu, ahubwo nyabuna ifise insiguro yuko bahitishwamwo hagati y'ukwinjira mu bwislamu n'ugutanga ikori; baramutse banse kubwinjira, maze bagahitamwo kurwanya irarikiramana, ni muri ico gihe baca barwanywa hubahirijwe amategeko y'ubwislamu.