إعدادات العرض
Mu vy'ukuri, Imana Allah Yarategetse kurangwa n'ubugwaneza ku kintu ico ari co cose umuntu akoze
Mu vy'ukuri, Imana Allah Yarategetse kurangwa n'ubugwaneza ku kintu ico ari co cose umuntu akoze
Mu vyakiriwe na Shaddaadi mwene Ausi (Imana Allah Imwishimire) yavuze ati: "Hari ibintu bibiri nashize ku muzirikanyi ndavyumvise ku Ntumwa y'Imana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah), aho yavuze iti: "Mu vy'ukuri, Imana Allah Yarategetse kurangwa n'ubugwaneza ku kintu ico ari co cose umuntu akoze. Iyo rero mwishe (mu kwihora uwishe) ba mwica mu bugwaneza; n'iyo mubaze igitungwa, muraheza mukibage mu bugwaneza; kandi rero umwe wese muri mwebwe, nabe abanza gukarisha neza imbugita yiwe, hanyuma aheze aruhure n'ikibagwa ciwe"".
الترجمة
العربية বাংলা Bosanski English Español فارسی Français Bahasa Indonesia Türkçe اردو 中文 हिन्दी Tagalog ئۇيغۇرچە Kurdî Hausa Português മലയാളം తెలుగు Kiswahili தமிழ் မြန်မာ Русский Deutsch 日本語 پښتو Tiếng Việt অসমীয়া Shqip සිංහල دری Svenska Čeština Fulfulde ગુજરાતી Magyar ಕನ್ನಡ Кыргызча Lietuvių Nederlands or Română Kinyarwanda Српски тоҷикӣ O‘zbek Yorùbá Moore नेपाली Oromoo Wolof Soomaali Български Українська Azərbaycan Bambara ქართული Македонски Ελληνικά ភាសាខ្មែរ Akan አማርኛ Malagasy ไทย मराठी ਪੰਜਾਬੀ Lingala Italiano ms kmrالشرح
Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n'impuhwe z'Imana Allah) aratomora ko mu vy'ukuri, Imana Allah Nyenuguhabwicubahiro nta ngere Yadutegetse kurangwa n'ubugwaneza ku kintu cose dukoze. Ijambo "al-ihsaan", risigura kwama umuntu yitwararika Imana Allah igihe cose, mu bikorwa vy'ukuyiyegereza, mu gukora ivyiza, no mu kutageramira ibiremwa, ni muri iyo nsiguro rero, umuntu akwiye kurangwa n'ubugwaneza igihe c'ukwica ikiremwa n'igihe c'ukubaga ibitungwa. Ukurangwa n'ubugwaneza rero mu kwica uwishe "qiswaasw", ni ugukoresha uburyo n'inzira yoroshe kandi yihutisha ugucikana kw'umuntu atabanje kuruha. Na yo ukurangwa n'ubugiraneza mu kubaga igitungwa, ni ukugirira impuhwe igitungwa maze umuntu akabanza gukarisha imbugita, ntaheze ngo akarihirize nya mbugita imbere ya nya gitungwa kimuraba, ntanaheze ngo akibagire imbere y'ibindi bitungwa bikiraba.فوائد الحديث
Kugaragaza impuhwe n'ikigongwe Imana Allah Ifitiye ibiremwa.
Kurangwa n'ubugwaneza mu kwica no mu kabaga, mu gukoresha uburyo bwashinzwe n'amategeko ya kislamu.
Amategeko y'ubwislamu aratunganye kandi nta na kimwe yasize inyuma mu vyiza vyose, muri ivyo, akaba ari ukugirira ibikoko impuhwe n'ikigongwe.
Kubuza ko uwishwe, yocunagurwa agahohoterwa inyuma yo kumwica.
Kuziririza ikoreshwa ry'ikintu ico ari co cose cotuma igikoko gicunagurwa kikababazwa.
